Wednesday, May 31, 2023
HomeNewsBig Fizzo niwe muririmvyi wa mbere atunze cane mu Burundi , imodoka...

Big Fizzo niwe muririmvyi wa mbere atunze cane mu Burundi , imodoka afise igurwa imilioni 60 (60.0000.000 Fbu)

Imitungo ya Big Fizzo ikomeje kw’ ibazwaho vyinshi cane kumvo zuko kugeza ubu atarashobora gushira kumugaragaro imitungo yoba afise.

Fizzo

Big Fizzo nkuko vyumvikana ngo ashobora kuba ari mu baririmvyi ba mbere batunze cane mu Burundi naho kugeza ubu we ngwatarashobora gushira ku mugaragaro imitungo yiwe.Ivyo rero bikaba vyibonekeza mu matohoza ikinyamakuru kimwe gikorera mu Burundi cagiye kirakora kubaririmvyi batandukanye babarundi, bo ngo bihweje basanze Big Fizzo ariwe muririmvyi wa mbere aba mu Burundi afise umuduka uzimvye cane bimwe vyakarorero.

Imodoka
Imodoka yubwoko Big Fizzo afise imeze nkiyi mubona ngaho hejuru

Umuduga Big Fizzo afise witwa ( Luxury, Benz C-Class ) benshi mwama mubona kumashusho yiwe, Kiretse nivyo Big Fizzo akaba yabandanije abwira ico kinyamakuru ko yashimye kugurira umuduga w’ ubwoko bwa T.I umuvyeyi wiwe ariko we akaba asanzwe afise umuduga mu gihugu c’ Ubufaransa aho asanzwe aba.

Big Fizzo

UBM News tubibutse ko uyo muduga wa Big Fizzo yuko ugurwa amahera yamadorari akabakaba kuri 38 500$, tugereranije mu mafaranga y’amarundi akaba agera kuri milioni 60 (60.0000.000 Fbu) y’ amarundi.

Must Read