Inyuma y’igiteramo yakoreye mugihugu ca Suisse , Fizzo yimirije gukora ikindi giteramo gikomeye cane mugihugu c’Ububirigi aho azoba ari kumwe n’umu Dj akomeye cane avuye mugihugu ca Uk yitwa Dj CHENTO .
Nkuko mugenzi wacu Jean Claude MVUYEKURE yari yavyanditse kare , BIG FIZZO uku kwezi ngo ntikumupfako ubusa kuko agiye guteramisha Ababirigi mu giteramo yitiriye rumwe mu ndirimbo ziwe arirwo “Ndakumisinze”. Ico giteramo kikazobera mu gisagara ca Anvers , mu karere kaba Flamand kimwe mu bisagara birimwo abantu benshi muri ico gihugu .
Uko niko ibintu bitunganijwe kuba kuri iyotariki .
Big Fizzo hamwe na Kidum nibo baririmvyi babiri bakora ibiteramo vyinshi hanze y’igihugu bigatuma ibendera y’igihugu iguma iduzwa mumihingo itandukanye kw’isi yose . UBM News ikaba ifashe aka kanya mukubakeza nokubipfuriza kuguma batera imbere bakanibuka gufasha bagenzi babo bari inyuma .