Thursday, June 8, 2023
HomeNewsBig Fizzo hamwe na Kidum nibo baririmvyi babiri bakora ibiteramo vyinshi hanze...

Big Fizzo hamwe na Kidum nibo baririmvyi babiri bakora ibiteramo vyinshi hanze y’igihugu !

Inyuma y’igiteramo yakoreye mugihugu ca Suisse , Fizzo yimirije gukora ikindi giteramo gikomeye cane mugihugu c’Ububirigi aho azoba ari kumwe n’umu Dj akomeye cane avuye mugihugu ca Uk yitwa Dj CHENTO .

Nkuko mugenzi wacu Jean Claude MVUYEKURE yari yavyanditse kare , BIG FIZZO uku kwezi ngo ntikumupfako ubusa kuko agiye guteramisha Ababirigi mu giteramo yitiriye rumwe mu ndirimbo ziwe arirwo “Ndakumisinze”. Ico giteramo kikazobera mu gisagara ca Anvers , mu karere kaba Flamand kimwe mu bisagara birimwo abantu benshi muri ico gihugu .

Uko niko ibintu bitunganijwe kuba kuri iyotariki .

Big Fizzo hamwe na Kidum nibo baririmvyi babiri bakora ibiteramo vyinshi hanze y’igihugu bigatuma ibendera y’igihugu iguma iduzwa mumihingo itandukanye kw’isi yose . UBM News ikaba ifashe aka kanya mukubakeza nokubipfuriza kuguma batera imbere bakanibuka gufasha bagenzi babo bari inyuma .

Must Read

Perezida wa Kenya William Ruto asaba bagenzi we ba Afrika gutera...

0
Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto asaba bagenzi we bo ku mugabane wa Afrika gutera intambwe ikomeye igana mu bijanye no guheba gukoresha idorare...