Tuesday, May 30, 2023
HomeNewsBig Fariouz ico bamukoreye uno musi kuri Radio kiratangaje '' gusa vyovyo...

Big Fariouz ico bamukoreye uno musi kuri Radio kiratangaje ” gusa vyovyo uno muririnvyi akomeje kwerekana ko ariwe akunzwe kurusha abandi bose !

Yari kuri uyu musi itariki 8 Ntwarante 2014 isaha icumi z’ijoro amasaha y’I Bujumbura niho hasubiye kw’umvirizwa kunsamirizi na Tv Rema , indirimbo yavuze isaha icumi n’iminota 40

Ivyobikaba vyaratangaje abantu bashoboye gusubira kuyumviriza kuko habaye ikiganiro rukokoma cabereye kuri radio na Tv Rema kigizwe n’akagwi kabamenyeshamakuru kagizwa na Deo Kivumbi , Ismail Niyonkuru , Eddy Kamoso mukiganiro nezerwa na Sms media , icokiganiro kikaba kandi cahuje abandi bamenyeshamakuru nka Espoir Franck ( Renaissance ) , Kivodo Patrick (Rfm) ,Nova (yagiye yiserukira wenyene kugatwe kiwe mugabo asanzwe akorera kuri Radio Culture ) . Muricokiganiro cashikirijwe n’ivyobihangange vy’umuziki w’i Burundi umwe wese kugatwe kiwe yavuze yuko atazosubira kuvuza indirimbo yuyo muririmvyi , abari baserukiye insamirizi zabo umwe wese yari yemeje yuko kunsamirizi zabo bafuse indirimbo zose z’uyomuririmvyi .

Kumakuru twashoboye gutohoreza hafi nuko ntategeko na rimwe ryari ryavuye hejuru kundongozi za Radio Rema yari gusa akokagwi k’abamenyeshamakuru kagiye hamwe mukwanka kuvuza izondirimbo za Farious . Mwomenya gusa yuko indirimbo yavugijwe yari “Mtima wangu” akaririmbo Fizzo yakoranye na R Flow . Mbe ko twari tumvise ko indirimbo za Farious zafuswe kuri Rema , vyagenze gute ngo isubire kuvuga ? Yoba ari ikosa ryahabaye ? Boba baramubabariye ? Hoba hari irindi tegeko ryasohotse kugira izondirimbo zisubire gusamirana ? Mbe hoho abo bamenyeshamakuru bagize urwo ruganda babivugako iki ?

Izobandanya…

Sources : Afrifame

Must Read