Nyuma yaho bimaze iminsi bivugwa yuko umuririmvyi rurangiranwa ” Big Fariouz ” ko asigaye asivya ibiteramo baba bateguye bityo abamufasha kubitegura bakaba bavuga ko batazosubira gukorana nawe, Big Fizzo yananiwe kwihangana agira ico abivugako ndetse agiraho ababwira ko badakwiye kumutera ubwoba.
Mu minsi iheze ” Kiyoyo Djuma ”umwe mubasanzwe bafasha ”Big Fariouz ” kutegura ibiteramo, yabwiye itanganzamakuru ko ibiteramo vyose yari yamuteguriye ko vyahagaze kubera ubuzembe bwuno muririmvyi ndetse impanvu ya vyose ngo ni ukubera Big Fizzo yishinga mu kaboregwe hamwe no mubakobwa, uno nyene asanzwe amufasha y’abandanije avuga ko atazosubira gufasha ikintu na kimwe uno muririmvyi.
Ku makuru yizewe hano kuri UBM News duhabwa numwe mubasanzwe bagendana na Fizzo, we avuga ko uno muriririmvyi yuko yababajwe cane nivyacishikijwe na ” Kiyoyo ” kuko ngo ni ububeshi gusa ntakindi atari ugushaka gucafuza izina ryuno muririmvyi.
UBM News nkuko arico kinyamakuru ca mbere c’abarundi gikorera muri America kibazanira inkuru zaba STAR, twagerageje kurondera uno muririmvyi kugirango twunve we ico abivugako, aho mumajambo make ugereranije nivyo yavuze, usanga neza yashaze kubwira uwo ” Kiyoyo Djuma ” avuga ko atazosubira kumufasha.
Fariouz yagize ati : In GOD I TRUST, don’t try to scare ME ! ” Mu kirundi bishatse kuvuga ngo, Mu Mana nemera, ntushake kuntera ubwoba )