Monday, May 29, 2023
HomeNewsBernard Busokoza '' Igihugu nic'abarundi bose ntabwo ari ica perezida wenyene ''...

Bernard Busokoza ” Igihugu nic’abarundi bose ntabwo ari ica perezida wenyene ”

Bernard Busokoza icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi agiye gusubirammwo indahiro yiwe, nk’uko bimenyeshwa na Karori Ndagijimana, umukuru wa sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro, inyuma y’aho mu ndahiro y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu basangiye itubahirije ibwirizwa nshingiro.

Bernard Busokoza icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ariko ararahira

Inyuma yaho uwo mutegetsi yitiranirije umukuru w’igihugu n’abanyagihugu bo bene igihugu mu ndahiro yiwe imbere y’umukuru w’igihugu, abashingamateka, abakenguzamateka, abagize Leta, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi n’abandi banyacubahiro, n’ubu abo batumire bose bagiye gusubira gutumirwa kugira mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, bakurikirane ibindi birori vy’ukurahira kw’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Nyakubahwa Bernard Busokoza.

Muri sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro rero, bakaba bavuga ko aho icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yaja gutera umukono, hari igisomwa canditswe neza, akanenge nako karaheza kabonekera mu gisomwa uyo munyacubahiro yari yateguriwe kugira asome. Muri sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro rero, bakemeza ko kabasovye, nabo bagiye kubibona Busokoza yaheje gutera igikumu mu gitabo, ko amabanga yiwe atanguye icese.

Bernard Busokoza icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ariko ashira igikumu mu gitabo, imbere y’abagize sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro

Muri sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro rero bakaba basaba icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, ko yoba arabangiriye kubandanya arangura amabanga yiwe y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, mu gihe atarasubiramwo indahiro yiwe izoba yubahiriza vyukuri ibwirizwa nshingiro rya Republika y’Uburundi. Umunsi ivyo birori bizosubira kubera ko, Karori Ndagijimana akaba atabimenyesheje.

Ugusubiramwo indahiro kw’abanyacubahiro, bikaba atari irambere bibaye, kuko Barack Obama, umukuru w’igihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika nawe, yigeze gusubizwamwo kurahira, mu gihe mu gisomwa ciwe harimwo utunenge, maze uyo nawe aca abibona yahejeje kera.

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Bernard Busokoza ariko yakirwa na bagenzi we bari muri Leta, ari kumwe n’umukuru w’igihugu

Sources : Igihe Burundi

Must Read