NEWS

Benjamin Mkapa ahamagarira Inama ya EAC ku Burundi.

on

Umufasha mu biganiro bihuza Abarundi, Benjamin Mkapa,yamenyesheje mu ndwi iheze ko hari iterambere mu bijanye n’ikibazo c’Uburundi inyuma y’aho Petero Nkurunziza amenyeshereje ko atazokwitoza mu mwaka wa 2020.

Mu kiganiro yakoranye n’ikinyamakuru The East African, Benjamin Mkapa, akaba yasavye abakuru b’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko guhamagaza inama kugira hirwe aho ibintu bigeze ku bijanye n’amakuru avuga ko ibihjanye n’agateka ka zina muntu kabandanya kononekara mu Burundi.

Mkapa akaba yabimenyesheje yari mu gihugu c’Urwanda mu nama ya African Leadership Forum aho yamenyesheje ko ikibazo c’Uburundi umuti waco biri ku ntambwe ishimishije.

Ikiringo canje kandi mbere ikiringo c’umuhuza mu biganiro bihuza Abarundi kirakwiye kwihweza neza kandi bigakorwa mu nama kandi ndizeye ko ibiganiro biriko biraba kugira iyo nama ibe, kugira tumenye icokorwa mu nyuma“, niko Benjamin Mkapa yamenyesheje.

Recommended for you