NEWS

Batatu mu ndongozi z’urwaruka rwa FNL ya RWASA Agathon bafatiwe muri Kaminuza y’Uburundi

By

on

Abanyeshure batatu bo muri Kaminuza y’Uburundi, bari mu ndongozi za FNL ya RWASA Agathon bafashwe n’igiporisi mw’ijoro ryo kuri uwu mbere rishira uwa kabiri, muri Kaminuza y’Uburundi, mu kigo co ku Mutanga.

Abo bafashwe n’igiporisi ni Itangishaka Mathieu, Kaburiyimbere Jean Paul hamwe na Manirakiza Eric batazira SOMO. Bose bakaba bari mu ndongozi z’urwaruka rwa FNL ya RWASA Agathon.

Nk’uko bivugwa na Aimé MAGERA umuvugizi wa FNL ya RWASA Agathon, abo banyeshure bafashwe nk’igihe c’isaha umunani z’ijoro, muri Kaminuza y’Uburundi.

Imbere y’uko batwarwa mu kibanza kitaramenyekana, Terefone ngendanwa zabo zarafashwe zongera zirasakwa n’igiporisi. Muri FNL bahamagarira abanywanyi babo kuguma bafatanye mu nda.

Recommended for you