NEWS

Batatu Mu Baharanira Agateka Ka zina Muntu Baciriwe Gufungwa Imyaka 10.

on

Abakozi batatu bo mw’ishirahamwe PARCEM bagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu baraye baciriwe gufungwa umunyororo w’imyaka 10, nk’uko amakuru ava mu Butungane abimenyesha. Abo baciriwe gufungwa imyaka 10 ni Emmanuel Nshimirimana, Aime Constant Gatore na Marius Nizigiyimana.

Abagenzi bacu ntibarabimenyeshwa mu buryo nyabwo, ariko akaba kabaye vyamaze kwemezwa [ko ari gufungwa 10]”, niko Faustin Ndikumana arongoye PARCEM yabwiye AFP.

Abo batatu bakaba bari bahagaritswe muri Ruheshi mu mwaka wa 2017 bafise inzandiko z’ugukora inyigisho ku vyerekeye agateka ka zina muntu, izo ubutungane bwavuze ko zari zirimwo ‘amajambo y’abatavuga rumwe na leta, atari abategetsi ba leta’, niko Ndikumana amenyesha.

Abacamanza bo mu ntara ya Muramvya, mu gihgu hagati, bakaba batangaje urwo rubanza hatariho ababuranira abo bagirizwa guhungabanya umutekano, niko uwuharanira agateka ka zina muntu umwe atashatse ko izina ryiwe rimenyekana yabwiye AFP.Biravugwa kandi ko umushikirizamanza yari yasavye ko abo batatu bagirizwa bafungwa hagati y’imyaka 20 na 25.

Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME, yamenyesheje ati: “Iyi ni incuro ya mbere aho abari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike bafungwa mu buryo nk’ubu, ikimenyetso cerekana ko ubutegetsi butacihanganira amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike mu gihugu cacu”.

Recommended for you