NEWS

Batatu bagirizwa kugandagura umukuru w’imbonerakure baciriwe umunyororo wo guherayo.

on

Abantu babatu bagirizwa kugandagura umukuru w’imbonerakure hamwe n’umuryango wiwe mu ntara ya Kayanza mu Buraruko bw’Uburundi,baraye baciriwe umunyororo wo gufungwa ubuzima bwabo babwo bwose na Sentare Nkuru y’intara ya Kanyanza.

Abo bagirizwa urwo rupfu bakaba baciye bacirwa gutanga amande ya milyoni 20 000 000 mu mafaranga y’amarundi.

Bakaba bagirizwa kugandagura NGENDAKUMANA Daniel hamwe n’umukeneyezii wiwe, nikiza Elizabeth.

Mukibuka ko uwo NGENDAKUMANA Daniel yahora arongoye umurwi w’Imborekauru z’urwaruka ruri mu mugambwe uri ku butegsti mu Burundi yagandaguwe aciwe umutwe, gushika nubu utarobomwa irengero ryawo.

Abo baciriwe uwo munyororo wo guherayo ni NSANZIMANA Malachie, BIRORIMANA Lazare na NSHIMIRIMANA Samuel. Bikaba vyikekwa kandi ko abandi bakoze ico gitero cahitanye uwo muryango boba baciye bahungira mu gihugu c’Urwanda.

Recommended for you