NEWS

‘Basigaye Bari Ku Mbibe Uburundi Buhana N’Ibindi Bihugu’.

on

Urwaruka rw’imbonerakure zo mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD, ngo rusigaye ruri ku mbibe igihugu c’Uburundi gihana n’ibihugu bibanyi. Bamwe bamwe muri uyo mugambwe bavuga ko ukwo gushira imbonerakure ku mipaka ari kugira ‘bacungere neza ko igikorwa co guhinyanyura ibwirizwa-Shingiro kigenda nk’uko vyipfuzwa, ata numwe ashobora gutera akajagari.’

Isoko ry’iyi nkuru rimenyesha ko abanyagihugu bari aho izo Mbonerakure zashizwe bafise ubwoba bwinshi cane. Ico gikorwa co gushira izo mbonerakure ku mipaka y’Uburundi kikaba catanguye mu mpera y’indwi turangije. Iyo nkuru ikamenyesha ko izo mbonerakure zashizwe ku rubibe Uburundi buhana na Kongo no ku rubibe rw’Urwanda.

« Mw’ijoro ryo kuwa kane, haraje imodoka yo mu bwoko bwa double –cabine, yari izanye ibikoresho izo mbonerakure zishobora kwikorako. Umwe wese arafise impuzu ya gisirikare. Turafise ubwoba cane n’izo mbonerakure kandi mu bisanzwe hasanzwe hari abasirikare bajejwe umutekano, niko umunyagihugu umwe yamenyesheje.

‘Kubera ugutinya ko igikorwa co guhinyanyura ibwirizwa-shingiro cohava kigenda uko batavyipfuza, nico gituma bashizwe ku mipaka’, niko iyo nkuru ibandanya.

Igikorwa co guhinyanyura ibwirizwa-shingiro kikaba citezwe mu kwezi kwa Rusama 2018. Biboneka ko umugambwe uri ku butegetsi uciteguriye cane kandi ko uzotahukana intsinzi kubera wipanze kare.

Recommended for you