Abakinyi b-abigeme ba Volley-ball b-umurwi nserukira gihugu w-uburundi baraye ijoro ry-uy-uwa mbere rishira uwa kabiri ku kibuga c-indege citiriwe Melchior Ndadaye. Abo bakinyi ukwari cumi numwe hamwe n-umumenyereza wabo bari bavuye mu gihugu c-u Rwanda aho bari bitabiriye inkino z-igikombe ca Afrika mu rukino rwa Volley-Ball.
Icatumye abo bakinyi barazwa ku kibuga c-indege Melchior Ndadaye ni amafaranga ibihumbi mirongo itandatu vy-amarundi yo kwipimisha Covid-19 umukinyi umwumwe yategerezwa gushika ariha, Nikwo guca bayabura kubera ko bari bemerewe ko ayo mafaranga bazoyarihirwa n-ishirahamwe ry-umupira w-amaboko mu Burundi Volley-ball.
Gushika mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri abo bakinyi niho bari bakiri mw-ico kibanza barayemwo biboneka ko batari banezerewe ndetse n-itiro ryinshi vyaboneka ko barifise.
Abategetsi b-igihugu uhereye ku mushikiranganji w-inkino n-urwaruka hamwe n-uwurongoye ishirahamwe rya Volley-Ball ntaco barashima kugira ico bavuze kw-ivyo vyaraye bishikiye abo bakinyi bari bavuye guserukira uburundi mu makungu.