Thursday, June 8, 2023
HomeNewsBarajwe ku kibuga c-indege Melchior Ndadaye kukubura amahera y-igipimo ca Coronavirus.

Barajwe ku kibuga c-indege Melchior Ndadaye kukubura amahera y-igipimo ca Coronavirus.

Abakinyi b-abigeme ba Volley-ball b-umurwi nserukira gihugu w-uburundi baraye ijoro ry-uy-uwa mbere rishira uwa kabiri ku kibuga c-indege citiriwe Melchior Ndadaye. Abo bakinyi ukwari cumi numwe hamwe n-umumenyereza wabo bari bavuye mu gihugu c-u Rwanda aho bari bitabiriye inkino z-igikombe ca Afrika mu rukino rwa Volley-Ball.May be an image of 1 person and standing

Icatumye abo bakinyi barazwa ku kibuga c-indege Melchior Ndadaye ni amafaranga ibihumbi mirongo itandatu vy-amarundi  yo kwipimisha Covid-19 umukinyi umwumwe yategerezwa gushika ariha, Nikwo guca bayabura kubera ko bari bemerewe ko ayo mafaranga bazoyarihirwa n-ishirahamwe ry-umupira w-amaboko mu Burundi Volley-ball.

Gushika mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri abo bakinyi  niho bari bakiri mw-ico kibanza barayemwo biboneka ko batari banezerewe ndetse n-itiro ryinshi vyaboneka ko barifise.

Abategetsi b-igihugu uhereye ku mushikiranganji w-inkino n-urwaruka hamwe n-uwurongoye ishirahamwe rya Volley-Ball ntaco barashima kugira ico bavuze kw-ivyo vyaraye bishikiye abo bakinyi bari bavuye guserukira uburundi mu makungu.

 

 

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...