INTERNATIONAL NEWS

Barack Obama ‘aranegura Trump’ mw’ijambo yashikirije.

on

Kuva Umukuru w’ihihugu ca Amerika , Barack Obama atanze Ubutegetsi kwa Dolad Trump, ubu hoho Obama yavuye mu gacerere yarimwo maze afata ingingo yo kunebagura bikaze Donald Trump hamwe n’intwaro yiwe. Akaba yamenyesheje ko umugammbwe waba Republicain ‘warekeranye Trump maze yikorera ivyo yigombeye’.

Obama yagiriza abakorana na Trump muri Maison blanche ko ‘bafata minenerwe ivyo Trump akora maze bigatuma haba ugusamara mu bikorwa’. Trump akaba azwi ku kuntu yama atabona kumwe ibintu na bamwe mu bari mu ntwaro yiwe.

Trump akaba yishuye ukwo kunebagura kwa Obama ko ‘ataco gutwaye’. “Nararavye ijambo ryiwe maze bica bituma nsinzira…”,niko Trump yishuye kuri ayo majambo ya Obama.

Ivyo Obama akaba abivuze mu gihe haheruka kwiyadukiza umutegetsi wo mu ntwaro ya Trump yiyadukije avuga ko ari umwe mu butegetsi bwa Trump ‘agwanya cane ukuntu Trump atwara’, maze amenyesha ko ‘ari ukubogora Amerika’ kugira ntitembe kubera ugukora uko yishakiye kwa Donald Trump.

Recommended for you