NEWS

Bamwe Muri CNARED Bariyamiriza Uko Jean Minani Atwara.

on

Mu rwandiko rwagiye ahabona itariki 18 Ntwarante 2018, abakuru b’imigambwe ihurikiye mu runani rutavuga rumwe na leta, CNARED-Giriteka, harashirwa ahabona uko babona umuyobozi wa CNARED wa none ariwe jean Minani ko atwara nabi.

Mu misi yahera, uwo jean Minani akaba yagirijwe nabo muri CNARED nyene anyonora ubutunzi bwa CNARED kandi agakoresha aka mwana wa mama mu bikorwa vyiwe kuva aho agiriye ku buyobozi bwa CNARED.

Abaza imbere mu gusinya kuri urwo rwandiko batumako inama yihutirwa, hariho Charles Nditije(UPRONA), Nyangoma Leonard( CNDD), Bamvuginyumvira Frederic( SAHWANYA FRODEBU) n’abandi nk’uko biboneka ku nzandiko basinyeko.

Ubwo vyoba bizohava bishikana ku gukura mu mabanga yo gukuraho Jean Minani mu Burongozi bwa CNARED nk’uko vyabaye kuri Leonard Nyangoma? Uko biri kwose, ibintu ntibiriko bigenda neza kubera hama ukwidogera Jean Minani uko atwara CNARED.

Soma ngaha ikete banditse:


Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.