Thursday, December 1, 2022
HomeNewsBamwe mubegereye ingoro y'umukuru w'igihugu c'uburundi bagiye kwimurwa ku mvo z'umutekano.

Bamwe mubegereye ingoro y’umukuru w’igihugu c’uburundi bagiye kwimurwa ku mvo z’umutekano.

Kubera imvo z’umutekano w’ingoro y’umukuru w’igihugu, Abanyagihugu baba ku bucimbiri bubiri buri ku mutumba wa Gashingano , komine Mutimbuzi , intara ya Bujumbura, benshi bita Bujumbura-Rural. Bikaba vyaremejwe n’inama nshikiranganji iheruka gukorana kuwa 31 Myandagaro 2022.

Nkuko vyasabwe n’ubushikiranganji bw’uburimyi , ubworozi hamwe n’ibidukikije, nuko uburinganire bukikuje iyo ngoro y’umukuru w’igihugu bwari busanzwe bungana amahegitari 200 bwokongerwako izindi hegitare 334 na are 40 n’ibice 110. Kugira ubwo buringanire buboneke, hazoca himurwa abahora baba kubucimbiri bwa Rema na Karema buri ku mutumba wa Gashingano.
Mw’iyo nama nshikiranganji, harasabwe kandi ko hotorwa mu ntara zose uburere ngirakamaro maze Leta yoshobora kuza iranguriramwo imigambi yayo yoba yipfuza kuhakorera.

Must Read