NEWS

Bamwe mu biganiro i Arusha abandi mu gikorane i Bujumbura

By

on

Mu gihe kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 24 Gitugutu 2018 ariho bitegekanijwe ko ibiganiro bihuza Abarundi bitangura i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya, umugambwe CNDD FDD wamaze kumenyesha ko utazokwitaba ivyo biganiro, ugasaba ahubwo ko vyokwegezwa inyuma kuko ukwezi kwa Gitugutu ari ukwezi kw’ikigandaro mu Burundi, aho Abarundi basubira kugandarira icungu z’igihugu umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE hamwe n’umuganwa Rudoviko RWAGASORE.

Umuhuza MKAPA ntaratanga inyishu kuri ivyo vyasabwe n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD. Uwo mugambwe waciye utegura igikorane c’amasengesho y’ugushimira Imana kizoba kuri uwu wa kane igenekerezo rya 25 Gitugutu 2018 igihe c’isaha icenda z’umuhingamo. Mu gisagara ca Bujumbura, ico gisabisho kizobera ku ngoro nkuru y’umugambwe CNDD FDD iri muri zone ya Ngagara.

Mu zindi ntara naho, ico gikorane kizobera mu ngoro z’umugambwe CNDD FDD zo ku mirwa mikuru y’intara, hamwe no mu ngoro z’umugambwe zo mu yandi makomine yose agize igihugu c’Uburundi.