Sunday, March 26, 2023
HomePoliticsBamwe mu bashingamateka basaba ko umuhisi Perezida Petero NKURUNZIZA yoshirwa ku noti...

Bamwe mu bashingamateka basaba ko umuhisi Perezida Petero NKURUNZIZA yoshirwa ku noti z-amafaranga akibukwa no mu bundi buryo.

Mu gihe inama nshingamateka yari yashashe kuruwu wa kane kugira  hahinyanyurwe itegeko y-ibwirizwa riha ikidari c-imboneza nkuru  umuhisi Petero Nkurunziza mu gukunda no kuzirikana igihugu, Bamwe mu bashingamateka baturuka mu mugambwe CNDD-FDD basavye umushikiranji w-ubutungane Jeanine Nibizi yari yazanye gusigura iryo tegeko ko boraba ko umuhisi Petero Nkurunziza yoshirwa ku noti z-amafaranga y-amarundi, hagashingwa fondation rimwitirirwa hamwe n-amabarabara afise izina rwiwe.Pierre Nkurunziza | Verified Facebook Page

Kw-ico cipfuzo c-abo bashingamateka, umushikiranganji w-ubutungane yabishuye ko agiye kushikana imbere ico cipfuzo cabo. Abashingamateka b-umugambwe CNL bobo bakaba bahakanye iryo tegeko.

Iryo tegeko ryahavuye ritorwa ku bice 76,9% rikaba  rivuga ko imisi yose kw-igenekerezo rya 8 Ruheshi azoba ari umusi wahariwe umuhisi Petero Nkurunziza  ko kandi uwo musi azoba ari uwakaruhuko ku  bakozi ba Leta bose.

Must Read