Mu gihe inama nshingamateka yari yashashe kuruwu wa kane kugira hahinyanyurwe itegeko y-ibwirizwa riha ikidari c-imboneza nkuru umuhisi Petero Nkurunziza mu gukunda no kuzirikana igihugu, Bamwe mu bashingamateka baturuka mu mugambwe CNDD-FDD basavye umushikiranji w-ubutungane Jeanine Nibizi yari yazanye gusigura iryo tegeko ko boraba ko umuhisi Petero Nkurunziza yoshirwa ku noti z-amafaranga y-amarundi, hagashingwa fondation rimwitirirwa hamwe n-amabarabara afise izina rwiwe.
Kw-ico cipfuzo c-abo bashingamateka, umushikiranganji w-ubutungane yabishuye ko agiye kushikana imbere ico cipfuzo cabo. Abashingamateka b-umugambwe CNL bobo bakaba bahakanye iryo tegeko.
Iryo tegeko ryahavuye ritorwa ku bice 76,9% rikaba rivuga ko imisi yose kw-igenekerezo rya 8 Ruheshi azoba ari umusi wahariwe umuhisi Petero Nkurunziza ko kandi uwo musi azoba ari uwakaruhuko ku bakozi ba Leta bose.