Monday, May 29, 2023
HomeNewsBamwe mu banyagisagara ca Bujumbura ntibatahura igituma bokwakwa ihadabu kubera bataciye ku...

Bamwe mu banyagisagara ca Bujumbura ntibatahura igituma bokwakwa ihadabu kubera bataciye ku kiraro co hejuru.

Kuva mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu, hari abapolisi hamwe n-abakozi ba Mairie ya Bujumbura bari bahagaze ku kiraro gica hejuru . Ico kiraro gica hejuru y-ibarabara ryitiriwe UPRONA kigahuza ibarabara Avenue de la mission. Uje uva ahegereye aho umuganga w-amaso Dr Bireha Anselme akorera utera uja ku rushengero rwa St Michel. Ico kiraro kikaba cubatswe n-ibanki BANCOBU ikoranye n-igisagara ca Bujumbura  mu ntumbero yo kugabanya amasanganya ahabera mbere no kworohereza uruja n-uruza. Ariko ntacerekana ko abahaca bose bategerezwa kucurira kanatsinda bamwe mu banyagisagara ca Bujumbura bavuga ko ukwo cubatse kitaborohereza ingazi zaco ari zito cane ndetse bamwe bakaba bafatirwayo n-ibizunguzungu iyo bageze hejuru.Image

Naho biri ukwo, uburongozi bw-igisagara ca Bujumbura busigaye n-ubukamisha ico kiraro mu guca amahadabu abatigacako. Akarorero, ni ako mu gitondo ko kuri uyu wa gatatu aho umunyagihugu ataca kuri ico kiraro yacibwa ihadabu ry-ibihumbi bitanu vy-amarundi, uwuyabuze nawe akaja gufungwa.

Abo banyagisagara bakibaza uwusigaye ari mw-ikosa mu gihe ata na kimwe kibereka ko ari itegeko guca kw-ico kiraro. Nayo ngo hamwe ryoba itegeko, basaba ko cosubirwamwo kikubakwa neza kuko hari abantu bidakundira kucurira bivanye n-ingene cubatse.

Must Read