NEWS

Bamwe mu bakozi bakuru ba OBR na API basabiwe gukurwa mu kazi

By

on

Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME rijejwe kurwanya igiturire mu Burundi ahamagarira inama nshingamateka y’Uburundi ko yotumako umushikiranganji w’ikigega ca Reta kugira asigurire abashingamateka igituma amafaranga yagenewe uturusho tw’abadatanga amakori ari menshi ku rugero rw’ibice birenga 155,68 kw’ijana. Muri OLUCOME basaba kandi ko hokwirukanwa mu kazi bamwe mu bakozi bakuru bo mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta, ab’ikigo gitoza amakori OBR, n’ab’ikigo corohereza abanyamitahe API bareka kurihisha amakori n’amatagisi.

Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME avuga ko hari abategetsi bamwe bamwe badatozwa amakori, ari naco gituma amafaranga agera ku miriyaridi 18 yagenewe uturusho tw’abadatangishwa amakori (Exoneration) yemewe mu nteguro y’amafaranga Reta y’Uburundi ikoresha ku mwaka, yama arengako, gushika ku miriyaridi ijana z’amarundi.

Mw’itangazo ishirahamwe OLUCOME ryasohoye kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 18 Ruheshi 2018, bamenyesheje ko bitumvikana ingene Reta y’Uburundi yokwama irenza ayo mafaranga y’uturusho azwi, kandi itarabiherebwa uruhusha n’inama nshingamateka na nkenguzamateka, kuko arirwo rwego rwonyene rubifitiye ububasha.

Ishirahamwe OLUCOME ritanga akarorero k’ayo mafaranga y’uturusho tw’abadatanga amakori amaze kugera ku miriyaridi 46 z’amarundi mu mezi atatu ya mbere y’umwaka w’2018.

Nk’uko vyemezwa na Gabriel RUFYIRI arongoye OLUCOME, abaronka utwo turusho tw’ukudatanga amakori ni ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Reta y’Uburundi, abashingamateka n’abakenguzamateka, igisirikare n’igiporisi vy’Uburundi. Abo bose bakaba bahabwa ubwo burusho ku bice bigera kuri 57,44 kw’ijana, mu gihe abarangura imiti hamwe n’ifumbire abarimyi bakenera badashikana ibice 10 kw’ijana.

Kubwa Gabriel RUFYIRI, ukwo ni ugusesagura amatunga ya Reta, kuko mu mategeko, uturusho tw’ukudatanga amakori dukwiye guhabwa abarwizatunga kugira barwize ubuzi mu gihugu, n’umunyagihugu aharonkere akunguko.

Gabriel RUFYIRi arongoye OLUCOME agabisha ko agiye kuzoshira ahabona amazina y’abategetsi bakuru b’Uburundi badatanga ikori, mu gihe Reta y’Uburundi itofata mu minwe ico kibazo, inama nshingamateka igatukamako umushikiranganji w’ikigega ca Reta kugira atange insiguro.

Recommended for you