Thursday, December 1, 2022
HomeNewsBamwe mu baganga baremeza ko ari ubwoko busha bwa Delta buriko burandagata...

Bamwe mu baganga baremeza ko ari ubwoko busha bwa Delta buriko burandagata mu gihugu c-uburundi.

Naho  bidashimwa kuvugirwa hejuru, bamwe mu baganga bakorera mu bitaro bitandukanye vyo mu burere bw-ubuvuzi bw-uburundi  , bemeza atagukekeranya ko ari umugera wa Covid-19 wo mu bwoko bushasha  bwa Delta uriko urandagata mu ntara zitari nke zigize uburundi. Bakabivuga bafatiye ku bimenyetso biboneka ku barwayi bagenda batorwa ako karanda.Coronavirus disease (COVID-19) | UNICEF Burundi

Abo baganga babivuga bafatiye ku muvuduko udasanzwe w-ico kiza uriko uribonekeza mu ntara zirenga cumi na zitanu muri cumi n-umunani zigize igihugu c-uburundi . Uburere bw-ubuvuzi bwa Kirundo na Kiremba I Ngozi buza imbere mu buriko businzikazwa n-ico kiza  mugutorwamwo abanduye  benshi cane ,aho ndetse hari n-abamaze kwicwa n-ico kiza.   Igisagara ca Bujumbura kikaba  nacone  mw-iy-imisi kiriko kitorwamwo abanduye  benshi cane.Hakaba nahone hari abamaze kwakwa ubuzima n-ico kiza.

ˮTuravye abantu bariko batorwa ko banduye umugera wa Covid-19 ku musi ku musi hamwe n-ibimenyetso tubasangana, turemeza ko iguhugu cacu cinjiranjwe n-akaranda k-umugera mushasha wa Delta. Nko ku musi wa kabiri w-iy-indwi turimwo mu gihugu cose hatowe abantu 587 banduye ico kiza, muri abo 165 ni abo mu gisagara ca Bujumbura. Aha Ntitwavuze bamwe mu bagenzi bacu bamaze guhitanwa n-ico kiza hamwe n-abatari bake barwariye mu bibanza bitandukanye vy-aha mu gisagara ca Bujumbura. Nukuri turabona ko ibintu vyamaze kuturengera. Leta nirabe ingingo zihuta yofata kugira abantu ntibatikire.‟ Niko bivurwa n-umwe mu baganga bakorera mu bitaro vy-abasirikare vyo mu Kamenge atashimye kivuga izina ku mvo z-umutekano wiwe.

Bamwe n-abandi babona ko Leta y-uburundi ukwo iguma ifata minenerwe ico kiza arikwo kibandanya cifatira uburere bwose bw-igihugu maze abantu bakazosanga bariko bahekurwa n-ico kiza ata ngingo zigishobora gufatwa kugira gishobore guharikwa. Mu ngingo zihuta zibonwa nkizofatwa na Leta harimwo guhimiriza  cane abanyagihugu bakicandagisha ico kiza, kwambara ubufukamunwa mu bibanza bihurirwamwo n-abantu benshi, guhagarika amakoraniro y-abantu benshi, hamwe n-izindi ngingo.

 

Must Read