NEWS

Bamwe bamwe biyamirije icegeranyo ca ONU ‘gikaze’ ku Burundi.

on

Inyuma y’aho umurwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi ushiriye ahabona icegeranyo gishira ahabona amabi yakozwe na leta y’i Bujumbura kuva mu mwaka wa 2015 gushika n’ubu, abategetsi bamwe bamwe muri leta y’uburundi biyamirije ico cegeranyo bavuga ko ‘catunganijwe n’inyanka Burundi’.

Ibiri muri co cegeranyo biza bishira ku mugaragaro guhera kuri Petero Nkurunziza gushika ku rwaruka rw’imbonerakure ko ‘bakoze amabi ashobora gufatwa ko arengera agateka ka zina muntu mu buryo bw’agahomerabunwa(Crimes contre l’humanité).

Bamwe bamwe bahisemwo kwiyamiriza ico cegeranyo kuri Twitter. Uwa mbere ni Willy Nyamitwe yatangaye cane amenyesha ko ivyo abagize uwo uwo murwi ukora amatohoza mu Burundi bavuze ko ‘Petero Nkuruzniza akoresha imvugo y’Urwanko ari ibitarivyo, ko ari ugukoresha amajambo Nkurunziza atavuze’

Uwuserukira Ubururi ONU nawe nyene yahagurutse amenyesha ko ‘ibihugu vya Buraya bishaka ihinduka riciye munguvu ry’ubutegetsi mu Burundi aho gutsimbataza imigenderanire myiza na leta y’Uburundi’.

Uwundi yahagurutse cane yiyamiriza ico cegeranyo ni Valentin Bagorikunda yamenyesheje ko ‘abakoze amatohoza bakoresheje ijambo ‘gendarmerie’ kandi ikijandarme kitakihari mu Burundi’.

Recommended for you