NEWS

Bamwe bamwe barafise amakenga ku ngigo yirukana mu masomero abana baba batwaye canke batwaje inda.

on

Abaharanira agateka k’abana bariyamiriza ingingo ya leta iza yirukana abana baba batwaye inda hamwe n’abazibateye bakiri ku ntebe y’Ishure iherutse gushirwa ahabona na leta y’Uburundi ibicishije mu bushikirangaji bw’indero. Abo baharanira agateka ka zina muntu batanga ingabisho ko Uburundi buriko buhonyanaga agateka ka zina muntu.

Umushikiranganji w’inddero ,Janviere Ndirahisha akaba yamenyesheje mu ndwi iheze ko abana b’abigeme batwaye inda hamwe n’abahungu bazibateje batazoba bagigfise uburenganzira bwo kwiga mu mashure ya Leta canke ayabigenga, ariko ko bashobora kuja kwiga mu mashure y’imyuga gusa.

Ariko rero iyo ngingo ibonwa n’abaharanira agateka k’abana ko ari “igihano kirimwo bibiri”, maze bakamenyesha ko bitaboneka neza uko amashure azomenya neza abahungu bazoba bateye izo mbanyi hama birukanwe.

Abahungu bamwe bamwe bama bahakanye ko ata nda bateye…badafise uburyo bwo kuvyemeza neza, ndazi neza ko iyo ngingo ari iyo guhonyanaga agateka nogukumira abana b’abigeme ngo ntibige neza”,niko Naitore Nyamu-Mathenge aharanira agateka k’abana yabwiye ikinyamakuru The Guardian.

Abaharanira agateka ka zina muntu barashira ahabona kandi amakenga yabo ko na rirya igihugu c’Uburundi kibayerho mu bukene butagirra izina, abana b’abakobwa usanga birekuye bakemera bakigurisha kugira baronke utwa nkenerwa mu buzima nk’impuzu, utwo bifashihsha mu bijaye n’isuku, amahera y’ishure n’ibifungurwa.

Recommended for you