NEWS

Bamwe babona ko Uburundi budakwiye ‘guhabwa ikaze’ muri SADC.

on

Mu gihe Uburundi bwasavye kwinjira mu muryango w’ibihugu vya Africa y’Ubumanuko, SADC(Southern Africa Development community), hari bamwe bamwe mu batabona neza iyo ntambwe Uburundi bushaka gutera.

Abatabona neza iyo ngingo yo gushira Uburundi muri SADC bavuga ko Uburundi bumeze nk’igihugu ‘kigifise ivyo kiryohora mu bijanye n’agateka ka zina  muntu’.

Naho Ezechiel Nibigira aheruka muri Zimbabwe gusaba ubufasha bwa Zimbabwe kugira Uburundi bwinjire muri uyo muryango, ikinyamakuru co muri Zimbabwe kimenyesha ko hataragera ko Uburundi bwinjira muri SADC.

Ico kimenyeshamakuru kirashira ahabona impamvu nyinshi harimwo ivy’uko Uburundi bwagirizwa vyinshi mu bijanye no guhohotera agateka ka zina muntu na wa Mugwi ujejwe gukora amatohoza ku Burundi.

Iyindi mapamvu abanebagura iyo ngingo yo kuja muri SADC bavuga ni uko Uburundi muri EAC usanga bufise ingorane bwisangije zituma na EAC ihabonera, nk’akarorero biravugwa ko Uburundi bufitiye ideni EAC amafaranga ashika kuri 10 000 000 USD.

Uburundi bukaba busanzwe bunafitiye iimigenderanire mibi na COMESA bivanye n’uko uwo murwi w’ibihugu wanse ko inama ya COMESA yobera i Bujumbura.Ivyatumye haba impari zitari zike hagati y’Uburundi na COMESA.

Recommended for you