NEWS

Bamwe babona Gute Ibiteramo Vy’amasengesho Bitegurwa n’Umuryango w’Umukuru w’Igihugu ?

on

Bamwe n’abandi baribaza uko ibiteramo vyama vyateguwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Pierre Nkurunziza ari kumwe n’umuryango wiwe, ico bifasha uburundi. Abari ku ruhande rwiwe, barabona ko hari iciza kiva muri ivyo biteramo vy’amasengesho. Ariko rero abandi nyabuna babona ko ayo masengesho yama yateguwe na Nomero Imwe ataco vyamariye Uburundi muri iyi myaka 12 amaze ari ku butegetsi.

Kuva ku wa 26 Kigarama 2017, hariko haraba ibiteramo nk’ivyo vy’amasengesho vyateguwe n’umuryango w’umukuru w’igihugu bibwiriza kumara iyinga. Ayo ‘masengesho’ yo « gushimira Imana » yuguruwe na Pierre Nkurunziza ari kumwe n’umutambukanyi wiwe, ku kibuga c’umupira mu ntara ya Kayanza.Intumbero y’ayo ‘masengesho’ akaba ari ugushimira Imana ku bw’umwaka wose wa 2017 urangiye, maze Imana yongere izezwe umwaka wa 2018.

Ariko bamwe n’abandi babona ko ayo ‘amsengesho’ yama yateguwe atuma haba ugusegurika kw’ubutunzi bw’igihugu mu gihe butari na bwinshi. Nk’akarorero Ishirahamwe rijejwe kurwanya ibiturire n’ugusagura amatungo ya leta OLUCOME, mu rwandiko rwaryo rwasohowe ku wa 27 kigarama 2017 ayo ‘masengesho’ yaraye atanguye rugira ruti : « Mu gutegura ayo masengesho, leta iratuma abakozi ba leta bahagarika akazi kabo….maze mbere n’uburyo bw’amafaranga ya leta agakoreshwa nko mu bijanye no kwunguruza abo bategetsi…maze bigashobora gutwara amafaranga y’amarundi 120 000 000 FBU…. ».

OLUCOME igaca ibona ko ayo masengesho ariho ku bwo gusesagura amatungo ya leta. Naho OLUCOME itarwanya ijana kw’ijana ayo masengesho, yoyo ibona ko ayo ‘amasengesho’yoza araba mu misi y’impera y’indwi( weekend) ata gusesagura ubutunzi bwa Leta; maze hakajaho itegeko rizokwama rigenga ivyo biteramo.

Recommended for you