NEWS

Babiri Barafunzwe Kubera Petero Nkurunziza « Yakiniwe Nabi » Mu Mupira W’Amaguru.

on

Abategetsi babiri ari bo musitanteri wa Kominie Kiremba n’icegera ciwe ajejwe ivya Sport barahagaritswe barafungwa ku musi wa kane bagirizwa kuba « bararetse » umukuru w’igihigu c’Uburundi Pierre Nkurunziza « arakinirwa nabi » mu mupira w’amaguru yariko akinamwo, nk’uko itororokanirizo ry’amakuru AFP ribishira ahabona.

Uyo musitanteri wa komine Kiremba mu ntara ya Ngozi , Cyriaque Nkezabahizi ,n’umufasha wiwe , Michel Mutama, bakaba bafungiwe mu gasho i Ngozi kuva ku musi wa kane kubera urukino rw’umupira w’amaguru rwabaye ruhuza umugwi wa Pierre Nkuruziza Halleluia FC n’umugwi w’i kiremba mu ntara ya Ngozi ku wa 3 Ruhuhuma 2018.

Mu makuru ya BBC, herekana ko abo bafunzwe bafashe abakinyi b’impunzi z’abakongo ya Musasa muri iyo komine maze babakinisha muri urwo rukino, nk’uko ivyabona biganiye itangazamakuru.

« Abo bakongomani ntibazi mu vy’ukuri Umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza maze baramukiniye nabi cane. Baramutangira igihe cose yaba afise umupira kandi baramutaye hasi incuro nyinshi, mu gihe abakinyi b’Abarundi bobo bari bazi ko badategerezwa kumwegera na gato », niko abayaze na AFP babandanya babivuga.

Abo bategetsi babiri basanzwe bari mu mugambwe uri ku butegtesi CNDD-FDD bakaba bahagritaswe ku musi wa kane muri iyi ndwi n’igipolisi hamwe n’abo mw’igendereza ry’Uburundi. « Abo bategetsi babiri bakaba barafashwe maze barafungwa bagirizwa gushaka gukorera nabi umukuru w’igihugu », niko uwutashatse kwivuga izina yabwiye AFP.

Recommended for you