Tue. Jan 28th, 2020

Babiri bagiriza gutuka umukuru w’igihugu NKURUNZIZA bagiye kwitaba ubutungane

Umushingwamanza w’umubiri Bernard Maingain hamwe n’umurundi David GAKUNZI asanzwe ari umwanditsi, aba mu buhungiro mu bihugu vya Buraya, bazokwitaba ubutungane kuwa 24 na 25 Nzero 2019. Bompi bazorenguka imbere
ya Sentare y’igisagara ca Paris, aho bazokwishura ku kirego
c’umushingwamanza afasha kuburana Reta y’Uburundi, abagiriza icaha c’ugucapfuza n’ugutuka umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA.

Abo bagiye kwitaba ubutungane bazwi ko kuva guhera mu mwaka w’2015, bagumye berekana ko badashigikiye ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yari aherutse gutorwa mu kiringo ca gatatu, aho ku bwabo bavuga ko yatowe bidaciye
mu mategeko.

Abagiye kwitaba ubungane si abo gusa, kuko na Ernotte Delphine arongoye France3
hamwe n’umumenyeshamakuru Bouchet Luc
yacishije kuri iyo mboneshakure ireresi imara iminota ibiri yerekana ukuntu ubutegetsi bw’Uburundi butoteza abanyagihugu. Iyo reresi yerekana abantu bariko baricwa, bikavugwa ko ari ubwicanyi bwariko bubera ico gihe mu ntara ya Karusi.

Reta y’Uburundi ntiyatevye kwiyamiriza iyo reresi, ivuga ko n’ururimi ruvugwamwo muri iyo reresi atari ikirundi. Inyuma y’amatohoza, vyamenyekanye ko urwo rurimi ari igi Haussa, bigasigura ko iyo reresi itafatiwe mu Burundi.

Inyuma y’umunsi umwe gusa, umushingwamanza Bernard Maingain nawe yaciye avugira ku mboneshakure, ahindura imvugo avuga ko ako
kareresi katafatiwe mu Burundi, ahubwo ko iyo reresi ari iyikoreshwa n’abasirikare mu kwigisha imbonerakure kugira zishobore kurinda mu kuboreza igufa abadashigikiye ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA.

Umushingwamanza Bernard Maingain na David Gakunzi bakurikiranwa rero ku caha co
gukoresha amajambo y’ugucapfuza hamwe n’ugutuka umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, ivyo bo bamirira kure, bakavuga ko ari ugushaka kubahoza, kuko bari mu bashira ahabona amabi akorwa mu Burundi, mu bijanye n’uguhohotera agateka ka zina muntu.