Mu burundi urudandazwa rw’amazi atagira agatotsi ayo bita “Eau minérale ” rurateye imbere,aha tukaba twama twiboneye amazi akorerwa ngaha muburundi nka za Kinju ;Aquavie,akiwacu,Tanga,Ramba.
Yamara rero haje uwundi murwi w’amazi agurishwa “ Miracle Healing water” uretse ko ngo atagira agatotsi ngo afise akabirya kuko ngo akora ibitangaza mugukiza ingwara zananiranye ;ivyo nivyo vyabwiwe abakirisu b’ishengero rya Bethany bo mu Ruziba kuri uyu w’Imana,ayo mazi akaba yariko agurishwa n’umukozi w’imana Elisha Muliri aturuka mu gihugu ca Tanzaniya ku giciro c’amafaranga agana ibihumbi bitanu
Nkuko uruganda rwa businesslife.bi rwabibonye,ayo mazi atekewe mu gacupa ka 0.5L kariko ifoto yuyo mukozi w’Imana hakaba handitseko ibi vyandiko :
“Haya maji yameobewa na Mutumishi wa mungu,Elisha Muliri kwa siku nyingi,Yana nguvu za kuponya magonjwa ya aina mbali mbali. Watu wengi wamepona kubitia maji haya.Yajaribu leo na upate kupona kabisa”
Bisobanura ngo
“Aya mazi yasengewe imisi myinshi n’umukozi w’Imana Elisha Muliri ;afise ubushobozi bwo gukiza ingwara nyishi zitandukanye.Abantu benshi barakize kubwo aya mazi.Yanwe nawe uronke gukira vyukuri.”
Amazi ahezagiye vyari bizwi kwabaho,yamara abantu benshi baratangajwe n’iki giciro cayo.Ntitwashoboye kumenya ibigize aya mazi canke aho yakorewe yamara rero icibonekeje n’uko aya mazi abantu benshi bayaguze.
Sources : Business Life