NEWS

Arusha: Ibiganiro vyungurujwe ku yindi sango ‘ata nsiguro itanzwe’.

on

I Arusha mu gihugu ca Tanzania ahari hitezwe ko hatangura ibiganiro bihuza Abarundi ku muhingamo wo kuri uyu musi wa gatatu igenekerezo rya 24 Gitugutu 2018, ntivyatanguye kubera abatumiwe muri ivyo biganiro bihagarariwe na Benjamin Mkapa batitavye bose.

Mu makuru ashirwa ahabona n’ikinyamakuru Iwacu, amenyesha ko ‘ata nsiguro ibiro vy’umufasha mu biganito bihuza Abarundi yatanzwe kuri iryo yigizwa inyuma kandi ry’ibiganiro‘.

Ico kinyamakuru kikamenyesha kandi ko Ibiro vy’umuhuza vyoba vyarungikye ubutumwa Leta y’Uburundi isanzwe ititavye ibiganiro kugira yitabe ibiganiro.

Soma kandi:Ibiganiro i Arusha: Mkapa yoba agiye gutamba yirorera?

Leta y’Uburundi hamwe n’amashirahamwe ayegereye ntibitavye ivyo biganiro vyo ku ncuro ya gatanu bibera i Arusha muri tanzania.

Leta y’Uburundi yamenyesheje ko impamvu zo kutaja muri ivyo biganiro ari kubera ko uku kwezi kwa Gitugutu ari ukwezi kw”ikigandaro ku Burundi’.

Soma kandi:Bamwe mu biganiro i Arusha abandi mu gikorane i Bujumbura.

None ubwo Benjamin Mkapa azohava agondoza Leta y’Uburundi kwitaba ivyo biganiro? Kumbure…Ariko yaba CNDD-FDD canke Leta y’Uburundi n’amashirahamwe ayegereye caane baramaze kwerekana ibimenyetso bitari bike vyo kutitaba ivyo biganiro.

Mwomenya ko habaye iyigizwa inyuma ry’ibiganiro bihuza Abarundi incuro ya kabiri. Ubwa mbere bikaba vyari bitegeknijwe gutangura ku wa 14 Gitugutu 2018 hama vyungururizwa ku wa 24 Gitugutu 2018. Vyose vyari vyavuye kubera ko Uburundi bwariko buhimbaza imisi mikuru yo kwibuka “incungu za demokrasi no kwikukira”.

Recommended for you