INTERNATIONAL NEWS

Arizona : Umurundi Afunzwe yagirizwa Gufata ku Nguvu Umukenyezi Bahuriye Kuri Internet.

on

Mu gihugu ca Leta zunze Ubumwe za Amerika, ahasanzwe haba abarundi batari bake, hari umurundi afunzwe yagirizwa gufata ku guvu umukenyezi bahuriye kuri Internet. Ivyo bikaba vyabereye mu gisagara ca Scottsdale muri leta ya Arizona.

Nkuko ABC News yabimenyesheje,Ivyo vyashitse mu buryo bw’uko uyo mugabo yabwiye uwo mukenyezi yahuye nawe kuri Internet ko yokwinjira mu modoka yiwe ngo basangire ibifunfurwa hama uyo mugabo w’umurundi yitwa Niyongabo(kw’ifoto) aca atangura kumukubagura mu buryo bw’igitsina.

Uyo mukenyezi yahohotewe yamenyesheje igipolisi ko yahuye nuyo Niyongabo kuri vya bibanza bahanahanirako amakuru kuri internet nka Tinder. Bamaze igihe bavugana, baciye bumvikana guhura bakabonana amaso mu yandi. Uyo mukenyezi amaze gushika, Niyongabo yaciye amukwegera inyuma mu modoka yiwe maze aca amurengerako aramukubagura.

Igipolisi co muri Arizona kikaba camenyesheje ko uyo mukenyezi yagerageje uko ashoboye kwose kwigwanira maze inyuma y’iminuta 30 uyo mukenyezi akaba yaciye ahungira mu modoka yiwe. Icabitumye cose bimenyekana ni amasanamu yafashwe namakamera yari aho muri garaje bari bashizemwo imiduga yabo, maze amasanamu akaba yerekana igihe uyo musore yaparika imodoka yiwe, hamwe no kwinjira kw’uwo mukenyezi mu modoka yuwo musore, ariko rero amasanamu akaba aterekana ivyabereye muri iyo modoka.

Niyongabo akaba yabonetse ko yarungitse ubutumwa bwo gusaba ikigongwe uwo mukenyezi yahohoteye, ariko rero Niyongabo akaba yahavuye ahagarikwa kw’itariki 13 Gitugutu 2017 inyuma y’imisi 12 ico kibi kibaye.
Ubu Niyongabo akaba afungiwe mu gasho kaho muri Leyta ya Arizona yagirizwa gufata ku nguvu no guhohotera mu bijanye n’igitsina.

Recommended for you