NEWS

APRODH Imenyesha Ko Abantu Barenga 500 Bishwe Mu 2017.

on

Abantu bashika ku 504 barishwe mu Burundi mu mwaka wa 2017, hamwe n’abandi 373 bakomeretse, nk’uko raporo yasohotse itariki 3 Ruhuhuma 2017 y’ishirahamwe ryitaho agateka k’abafunzwe APRODH ribimenyesha. Umukuru waryo, Pierre Claver MBONIMPA, yaraganiriye na Jeune Afrique kuri ico kibazo.

Pierre Claver, uwahatswe kuhasiga ubuzima mu mwaka wa 2015, ubu akaba aba hanze y’Uburundi, nubu amenyesha ko abandanya akurikirana uko agateka ka zina muntu kononekara mu Burundi.

Abajijwe uko amenya ibitigiri vy’abishwe mu Burundi kandi atari mu Burundi, Mbonimpa yamenyesheje ati : « Ishirahamwe ryacu ryarabandanije rikora nk’uko bisanzwe, naho Leta y’i Bujumbura yarihagaritse. Turakorana n’abanyagihugu, na bamwe mu bajejwe umutekano baduha amakuru, abapolisi, na cane cane ku bijanye n’ubwicanyi. Buri kwezi twama twashize ku rubuga rwacu ngurukana bumenyi iraporo ivuga ibijanye niryo honyangwa ry’agateka ka zina muntu ».

Pierre Claver Mbonimpa aragaruka kandi ku kibazo c’imbonerakure ko zifise uruhara cane muri iryo honyangwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi. Abajijwe nimba abo mu mugambwe uri ku butegetsi nabo boba bicwa, Mbonimpa yishuye gutya : « Mu bijanye n’amabi yakorewe abatavuga rumwe na leta, harimwo abakorana na leta, hama bamaze gushirwa ahabona n’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike, baca bicwa n’intwaro ihari kugira ngo ntihagire na kimwe bavuga ku bijanye n’ibikorwa vyabo ».

Mbonimpa kandi yaragarutse ku bijanye n’igeragezwa ry’iyicwa ryiwe, aho yamenyesheje ati : « Uwagerageje kunyica, nk’akarorero, yakorera mu biro vy’iperereza ry’Uburundi. Ariko yahavuye aca agandagurwa kubera ko yananiwe n’igikorwa ciwe yahawe, mu gutinya ko yohava ashira ahabona uko ivyo kunyica vyatunganijwe ».

Ushobora gusoma ngaha ico kiyago cose Pierre Claver Mbonimpa yagiranye n’ikinyamakuru Jeune Afrique aho yagarutse ku bibazo bitari bike bihanze igihugu.

Recommended for you