NEWS

Antonio Guterres arashima uko ‘Umuryango wa EAC wakoze ku Kibazo c’Uburundi’.

on

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterrres, yamenyesheje ko ashima ukuntu umuryango w’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko uriko witunganya, yongera arakenguruka n’uko uwo muryangowa EAC wakoze ibishoboka ku kibazo c’Uburundi.

Umunyambanga wa ONU akaba akenguruka utwigoro twa EAC ku bijanye no gushigikira utwigoro two gukora ibiganiro bihuza Abarundi mu matati barimwo hamwe no gufasha Uburundi n’Abarundi gusubirana umutekano n’ugutekanirwa mu vyabo.

Antonio Guterres, umunyamabanga wa ONU

Antonio Guterres akaba yamenyesheje ko azokwitaba inama y’Ubumwe bwa Afrika yimirije kubera mu gihugu ca Mauritania. Antonio Guterrres akaba yarabonye muri iyi ndwi n’uwuserukira EAC ku rwego rwa Politike ya EAC mu bijanye no kuja hamwe kw’ibihugu bigize EAC, Charles Njoroge,i New York muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Charles Njoroge akaba ‘yarashimitse cane ku migenderanire myiza iri hagati ya EAC n’Uburundi murirusangi, ivyatumye Ubumwe bwa Afrika, ONU na EAC bija hamwe kugira bifashe Uburundi hariko n’imfashanyo y’Ubumwe bwa Buraya. Charles Njoroge akaba ayamenyeheje ko “umuryango w’ibihugu vya Afria y’Ubuseruko wiyemeje gushikana Uburundi ku ntambwe y’amahoro hamwe n’amatora arangwamwo ituze yo mu mwaka wa 2020.

Recommended for you