NEWS

Antonio Guterres araganira nabarongoye Congo kazoza ka Monusco no kurwanya imirwi yitwaje ibigwanisho

By

on

Inyuma yo kugendera ibisagara vya Goma na Beni kuwagatandatu no kuwimana, umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, yashitse i Kinshasa kur’uyu wambere. Akaba arirwo rugendo rwanyuma agize murico gihugu kinini ca Congo. Bikaba bitegekanije ko abonana n’umukuru w’ico gihugu, Felix Tshisekedi, n’abandi bategetsi, abatavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike.

Mu gihe yari mu karere ka Beni, Antonio Guterres yarabonye ko hakiri imirwi yitwaje ibigwanisho aca avuga ko agiye gusaba ko ikiringo c’abasirikare ba Monusco cokwongerezwa. Ico naco kikazorangira mu kwezi kwa 12. Antonio Guterres akabonako igikorwa ca Monusco kigikenewe naho uwahoze ari umukuru w’ico gihugu, Joseph Kabila, yari yasavye ko abasirikare ba Monusco botaha.

Ku ntwaro ya Joseph Kabila, imigenderanire ya ONU na RDC ntiyamyiza cane vyatumye Monusco n’igisirikare ca Congo, FARDC, bidakorana neza. Ariko umuzo wa Felix Tshisekedi woba ugiye guhindura ibintu kuko Antonio Guterres wewe abona ko kugarukana amahoro muri Congo atari gusa kuzana abasirikare mpuzamakungu ariko ari kandi kurwanya ukudahana no gukomeza intwaro ibereye.

Recommended for you