NEWS

Antonio Guterres Aragabisha Ku Bijanye N’Ihinyanyurwa Ry’Ibwirizwa-Shingiro.

on

Umunyamabanga mukuru wa ONU , Antonio Guterres yamenyesheje ku musi wa kabiri ko adashigikye na gato umugambi wa Leta y’Uburundi wo guhinyanyura ibwirizwa shingiro maze bigatuma Pierre Nkurunziza aguma ku butegetsi ibindi biringo, niko raporo ya ONU yashizwe ahabona na AFP imenyesha.

Ku bw’iyo raporo yashikirijwe Inama y’umutekano ya ONU igizwe n’ibihugu 15 yitezwe gusuzumwa ku wa 26 Ruhuhuma 2018. “ Leta y’Uburundi iguma irondera ivyo ihinyanyura mw’ibwirizwa Shingiro biza vyunyura imigenderanire ihari hagati ya leta y’Uburundi n’abatavuga rumwe”, niko Antonio Guterres yamenyesheje.

Guterres yabandanije amenyesha ko abatavuga rumwe na leta bakwiye kwicara hamwe na Leta y’Uburundi mu bijanye niyo ngingo kugira hirindwe iyindi migumuko. “ Naho Uburundi bufise uburenganizra bwo guhinyanyura ibwrizwa shingiro, nibaza nshimitse ko ivyo vyose vyo guhinyanyura ibwirizwa shingiro vyokorwa atanumwe akumiriwe maze bikahgaragara ko bose babirimwo mu begwa n’ikibazo ca politike c’igihugu”.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres yamanyesheje ko “ahagaritswe umutima cane” kubera ko ibiganiro hagati ya leta n’abatavuga rumwe na leta bisa n’ivyahagaze, maze akaba yamenyesheje ko impande zose ‘ na cane cane leta” zoja hamwe mu biganiro. “ Amahoro arama azanwa no gutorera umuti ingorane nyamukuru, atari ugushira mu kaga imishinge ya vyose, na cane cane Amasezerano y’i Arusha, yagarukanye amahoro inyuma y’imyaka itari mike mu gihugu”, niko Guterres yamenyesheje.

Iyo raporo kandi yerekana ko abahuza mu biganiro vy’abarundi aribo Museveni na Mkapa, bashitse ku bintu bito cane muri uwo mugambi wo guhuza Abarundi. Ariko rero, umuserukizi w’Uburundi muri ONU, Albert Shingiro, yariyamirije iyo raporo, amanyesha ko “ico arico cose coza kivuga nabi ihinyanyurwa ry’ibwirizwa-shngiro ari uguhonyanga ubwigenge bw’igihugu”.

Recommended for you