Thursday, December 1, 2022
HomeUmutekanoAntonio Guteress yemeza ko M23 atari umuhari wo guta munda nsa kuko...

Antonio Guteress yemeza ko M23 atari umuhari wo guta munda nsa kuko ufise ibirwanisho birengeye ivya MONUSCO.

Umunyamabanga mukuru wa ONU yemeza ko umuhari M23 uriko urwanira mu buseruko bwa Congo atari umuhari wo guta munda nsa ndetse witwara nk’igisirikare kuko uwo muhari ufise ibirwanisho bigezweho ndetse birengeye ubushobozi bw’ibirwanisho vya MONUSCO. Antonio Guteress agahamagarira ariko ko haba ibiganiro hagati y’ibihugu vya Congo, urwanda na Uganda kuko ukwo ivyo bihugu ari bitatu bifisemwo uruhara mw’igarukanwa ry’amahoro arama mu karere ka Congo y’ubuseruko.

Mu kiganiro yahaye kuri uyu wa 17 Nyakanga 2022 abamenyeshamakuru b’iradiyo n’imboneshakure vy’abafaransa RFI na FRANCE 24, Umunyamabanga mukuru wa ONU ,Antonio Guteress yemeje ko umuhari M23 ufise ibirwanisho bifise ubushobozi burengeye ubwa MONUSCO. « Ukuri ni uko umuhari M23 iki gihe ni igisirikare kigezweho gifise ibirwanisho bifise ubushobozi burengeye ubw’ingabo za MONUSCO» Niko Guteress avuga.
Ariko yishura ikibazo c’umumenyeshamakuru ku kijanye n’amamuko y’abarwanyi ba M23 , Umunyamabanga mukuru wa ONU nta vyinshi yacishuyeko gusa yahamagariye ibihugu vyo mu karere nka Congo, Uganda n’urwanda kugira ibiganiro hagati yavyo kugira ubuseruko bwa Congo buronke amahoro arama . Guteress yishuye uku :«Ntibavukiye mw’ishamba, bafise aho baje bava. Ntitwibagire ko umuhari ADF ugizwe n’abarwanyi bamuka muri Uganda. Ntawokwibagira kandi ko hari abaroberi ba FDLR nawo ugizwe n’abakoze ihonyabwoko ry’abatutsi mu Rwanda mu mwaka wa 1994»

Tubamenyeshe ko mu mpera z’ukwezi kwa Ruheshi Umupfasoni Bintou keita atwara umurwi wa ONU mu kubangabunga amahoro muri Congo MONUSCO yabwiye inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano ko M23 ifise inkoho zikomeye , ibisasu vyo morotiye, hamwe n’ibirwanisho bidahusha iyo hageze gukorora indege, ko rero uwo muhari witwara nk’igisirikare cikwije hakuba umuhari w’abitwaje ibirwanisho.

Must Read