NEWS

Antonio Guterres ariyamiriza Igitero Cahitanye umusirikare w’Uburundi Muri Centrafrique.

on

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, yamenyesheje ejo ku musi wa mbere ko yiyamirije yivuye inyuma igitero cakozwe n’imigwi y’abitwaje ibigwanisho yatumye umusoda ahagarikira amahoro mu rwego rwa ONU muri MINUSCA w’umurundi ahasiga ubuzima mu migwano yamaze amasaha atatu, uwundi nawe akaba yarakomeretse wa centrafrique.

Abicishije ku muvugizi wiwe, Antonio Guterres yamanyesheje ko ‘ukwicwa kw’umusirikare w’umurundi kwatumye haba gitigiri c’abasirikare 5 bishwe kuva muri nzero 2018, hamwe n’ibitero bibiri bibaye mu ndwi imwe’.

Antonio Guterres, umunyamabanga wa ONU

Umunyamabanga wa ONU yamenyesheje kandi “ugushikigikira yivuye inyuma” umugambi wo guhagararira amahoro muri Centrafrique muri MINUSCA, mu twigoro twawo two kubungabunga amahoro.

Antonio Guterres akaba yamenyesheje kandi ko kwica abasirikare bajejwe kubunganunga umutekano mu rwego rwa ONU bifatwa nk’ivyaha bikomeye vyo mu ntambara, kandiko abategetsi ba Centarafrique bokora amatohoza yitondewe kugira uwagirizwa ashengezwe.

Guterres akaba yamenyesheje kandi ko ‘ahojeje umuryango [wo mu Burundi] wabuze, na cane cane ahoza na leta y’Uburundi, yongera asaba ko uwakomeretse yosubirana ningoga’.

Recommended for you