NEWS

Antoine KABURAHE: Ivyo banyagiriza vyo gushaka kutembagaza ubutegetsi ntafatiro bifise.

on

Uwuburanira Antoine KABURAHE ariwe Lambert NSABIMANA, yashoboye kumenyesha abaraho ko baje bitaba umutahe wari wasohowe kubwa Antoine KABURAHE arongoye ikinyamakuru IWACU yari yasabwe kurenguka unomunsi wa mbere igenekerezo rya 16/11/2015

kaburahe

Lambert NSABIMANA akaba yamenyesheje ko yabajijwe kuvyerekeye ibijanye nigerageza ryo gutembagaza ubutegetsi ryari ryabaye itariki 13/05/2015 akaba yabajijwe kuco yoba abiziko ndetse ko haruruhara yoba yarabigizemwo ngo hama nawe aca abishura neza ko Antoine KABURAHE ataruhara narumwe abifisemwo.

Kubw’uburanira Umuyobozi mukuru w’ikinyamakuru IWACU akaba yaciye arangiza avuga ko ahanini vyagenze neza n’ubwo batashoboye kubaha irindi sango, we akamenyesha ko bo umunsi babakeneye bazokwitaba ukuri kwamye.

Antoine KABURAHE nawe nyene akaba yaciye ashikiriza ijambo abamenyeshamakuru bari baje kumviriza igituma yarengutse imbere ya sentare ntahinyuzwa, akaba yababwiye yuko ivyo bamwagiriza ko ataco abiziko ngo kuko igihe hategurwa guhirika ubutegetsi kubwikinyamakuru IWACU ngo ico gihe cari carahagaritse gukora , bo ngo baje gukora munyuma haciye iminsi itari mike.

Antoine KABURAHE akaba yarangije amenyeshako ivyo bamwagiriza atafatiro bifise, akaba yarangije ashimira abamenyeshamakuru bose iyo bava bakagera hamwe n’abantu bose baguma bakurikirana kumwanya kumwanya uko urubanza ruguma rugenda ngo ivyo biguma bimwereka ko atari wenyene mururu rugamba ariko ararwana murikino gihe.