Thursday, December 1, 2022
HomeInternational newsAngola: Uwahoze arongoye ico gihugu, Eduardo Dos Santos yitavye Imana ku myaka...

Angola: Uwahoze arongoye ico gihugu, Eduardo Dos Santos yitavye Imana ku myaka 79.

Uwahoze arongoye igihugu ca Angola , Eduardo Dos Santos  yitavye Imana kuri uyu wa gatanu mu bitaro vy’i Barcelone muri Espanye aho yararwariye kuva umutima wiwe uhagaze gukora hari kuwa 23 Ruheshi. Leta ya Angola ikaba yatangaje urupfu rwiwe ibicishije ku rubuga rwa facebook.Image

Dos Santos  apfuye ku myaka 79 akaba yarongoye Angola imyaka 37  maze aza kurekura igihugu mu mwaka wa 2018 biciye mu nzira ya matora. Uwo yarongoye Angola akaba yararwaye igihe kinini maze kuva mu kwezi kwa Ruheshi amagara yiwe atangura kubandanya amera nabi, nkuko kimwe mu binyamakuru vyo muri Espanye canditse ko «Perezida Dos Santos ari hagati ubu y’urupfu n’ubuzima»

 

Must Read