Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ,umutekano n’iterambere rusangi yatanze itegeko rigiye guhagarika amasengero amwamwe , ayandi nayo agenerwe gucibwa amande kubera ko akora ahonyanze amategeko agenga ishingwa ry-amashengero mu Burundi.
Nkuko biri mw-itangazo ryasohowe kuri uyu wambere n-umushikiranganji Gervais Ndirakobuca , Amasengero akora adafise uruhusha, ayakora mu kwaha kw-ayandi , Ayakorera mu bibanza bikorerwamwo imanza, mu bunywero hamwe no mu mashure, Ayo yose agiye kwugarwa burundu. Nayo Amasengero adakurikiza amasaha yashinzwe gusenga hamwen-ayatagira ubuzu bwa sugumwe canke afise ubudakwiye , ayo nayo azocibwa amande ni co kimwe n-amasengero arara arasenga ijoro ryose nayone azocibwa amande canke yugarwe burundu hamwe bobandanya badadaza.
Iryo tangazo rikarangiza risaba igipolisi ko cofasha mw-ishirwa mu ngiro ry-iyo ngingo . Iyo ngingo ikaba izoshirwa mu ngiro mu misi 15 uhereye kw-igenekerezo rya 7 Ntwarante 2022 iryo tangazo ryasohoreweko.