NEWS

Amnesty International: Leta y’Uburundi ikoresha iterabwoba mu kunumya abavuga ibitagenda neza.

on

Ishirahamwe ryitaho ibijanye n’agateka ka zina kuntu, Amnesty International ryamenyeheje ko ingingo ya leta y’Uburundi yo gukoresha iterabwoba mu kunumya abavuga ibitagenda neza ari ukudashika.

Amnesty international imenyesha ko ugukurikiranwa, iterabwoba, guhamwa n’ugutukwa arivyo bikoreshwa na leta y’Uburundi kugira abaharanira agateka ka zina muntu banumywe.

Inyuma y’aho leta y’Uburundi imenyeshereje ko izokwitwarira mu abutungane abakoze icegeranyo ku Burundi, amajambo yamshikirijwe n’uwuserukira Uburundi muri ONU, Albert Shingiro, ko abakora amatohoza ku Burundi ari ‘abagurisha benewabo’ yakiriwe nabi na Michelle Bachelet, uwusanzwe ahagarariye umugwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu. Bachelet akaba mbere yasavye Shingiro kwivuguruza kuri ayo majambo.

Amnesty International ikamenyesha ko leta y’Uburundi yagerageje no gutera ubwoba umushingamateka Fabien Banciryanino, uwagerageje gushira ahabona ibimenyamenya vyerekana ko amatohoza akorwa na ONU ku Burundi ahuye n’ibiba mu gihugu.

Recommended for you