NEWS

‘Amizero y’Abarundi Nyakuri’? Agathon Rwasa Aratanga Umuco.

on

Inyuma y’ah habaye umugwi w’abantu biyitirira kuba bari mu runani Amizero y’Abarundi bakoreye ikiganiro mu gisagara ca Bujumbura mu ndiw iheze ko bobo bazotora “EGO” mw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro, Rwasa Agathon, aramutswa urwo runani, yahavuye agira ico ashikirije mu rwandiko yandikiye umukuru w’umurwi ujejwe gutegura amatora mu Burundi, CENI.

Ku bibabaza ko hoba harabaye umurwi “AMIZERO Y”ABARUNDI NYAKURI” urongowe na Reverien Niyimpa, Rwasa Agathon amenyesha muri urwo rwandiko ko uyo Reverien Niyimpa avuga ko yaserukiye abo biyise ko bava mu Runani amizero y’Abarundi, yahoze ari umuvugizi wa FNL ya Jaques Bigirimana.

Rwasa Agathon akaba asaba CENI ‘kuhaseruka kugira ihagarike ibikorwa vyo gucafuza urunani AMIZERO y’Abarundi vyibonekeza hirya no hingo mu gihugu’.

Rwasa akaba yamenyesheje ko iyo ngendo yo ‘kwihagira urunani Amizero y’Abarundi ata ruhusha itemewe na gato’. Bamwe nabandi bakaba bibanza ko uyo murwi urongowe na Reverien Niyimpa woba washizweho nk’uko vyamye bigenda kugira urwo runani Amizero y’Abarundi ntirugire inguvu cane muri rino sekeza ryo guhinyanyura canke kudahindura ibwirizwa shingiro.

Recommended for you