Nkuko tubisoma mw-itangazo ryashizwe ahabona na AMISOM kuri uyu wa mbere Ntwarante 2022, Umuryango w-ubumwe bwa Afrika hamwe na Leta ya Somaliya baremeje urupapuro rw-inzira kugira ubutumwa bwa AMISOM busubirizwe n-urundi rwego mfatakibanza rw-umuryango w-ubumwe bwa Afrika muri Somaliya bise «ATMIS» (Mission de transition de l’union africaine en Somalie) mu rurimi rw-igifaransa. Mw-iryo tangazo, AMISOM imenyesha kandi ko ubutumwa bwayo bwo kugarukana amahoro muri Somaliya buzorangirana n-impera z-uku kwezi kwa Ntwarante 2022.
Nkuko tubisoma mu kinyamakuru IWACU, ubwo butumwa bushasha bwa ATMIS bugiye kwibanda ahanini mu mugambi wo gutsimbataza no gukomeza Leta ya Somaliya ihari iki gihe. ATMIS ikazoba ifise intumbero imwe rudende iboneka: gukura ibibazo vy-umutekano vyahora muri AMISOM maze bikahabwa Leta ya Somaliya. Nkuko vyatangajwe na Bankole Adeoye, umukomiseri mu muryango w-ubumwe bwa Afrika ajejwe ibibazo vya politike, amahoro hamwe n-umutekano.
Kuwa 7 Gitugutu 2021, inama nkuru y-amahoro n-umutekano mu muryango w-ubumwe bwa Afrika yari yemeje ko hoshirwaho umurwi wo gukomeza no gutsimbaza amahoro muri Somaliya urimwo impande zibiri ni ukuvuga uwo muryango w-ubumwe bwa Afrika hamwe na ONU. Ariko Uwo murwi wahavuye wankwa ko ushingwa na Leta ya Somaliya , maze iyo Leta ica yipfuza ko hoshirwaho umurwi w-ubuhinga urimwo n-igisirikare ca Somaliya hama ugaca ushikiriza inzego z-umutekano za Somaliya ivyahora bikorwa na AMISOM.
Tubamenyeshe ko igihugu c-uburundi kigira kabiri mu bihugu vyagiye kugarukana amahoro muri Somaliya bifise abasirikare benshi aho uburundi bufisemwo inteko zingana ibihumbi bitanu ku bihumbi mirongo ibiri vy-inteko zigize AMISOM.