NEWS

Amerika Yongeye Ikiringo C’Umwaka Kw’Itegeko Rivuga Ku Bijanye N’Uburundi.

on

Mwitangazo ryasohowe ku wa 6 Munyonyo 2017 na Donald Trump,umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe Za Amerika, riragaruka ku kuntu ivya politike vyifashe mu gihugu c’Uburundi.

Mwitegeko ry’umukuru w’igihugu wa Amerika rya 22 Munyonyo 2015, Umukuru wa Amerika yari yatangaje ikiringo c’ibihe bidasanzwe kugira harabwe uko ivyo mu Burundi vyifashe.

Iryo tangazo ryaje rimenyesha ko umutekanotwa Leta Zunze Ubumwe Za Amerika ubangamiwe bivanye n’ibihe bigoye Uburundi burimwo harimwo n’ubwicanyi,agahohotero ku banyagihugu, imidurumbanyo, ukubura umwidegemvyo mu bijanye na politike.Ibi vyose America ibona ko bikibangamiye amahoro n’umutekano vy’Uburundi.

Ku bwivyo,Leta Zunze Ubumwe za Amerika zibona ko Uburundi bubandanya buba intambamyi ku mahoro,umutekano hamwe n’ibijanye n’imigenderanire vya Amerika.Rero Amerika ikaba yafashe ingingo yo kugumizaho ikiringo c’ibihe bidasanzwe kubandanya n’inyuma ya 22 Munyonyo 2017.

Donald Trump, uwasohoye iryo tangazo yerekanye aho Amerika ihagaze ku kibazo c’Uburundi: “Nta mahoro n’umutekano biraboneka mu Burundi”.

Donald Trump yamenyesheje gutya: “Ku bijanye n’Itegeko rya Amerika rijanye n’ibihe bidasanzwe nomero 50 USC.1622, mfashe ingingo yo kwongerako ikiringo c’umwaka ku bijanye n’ikiringo c’ibihe bidasanzwe ku gihugu(National Emergency Situation) hisunzwe itegeko ry’umukuru w’igihugu”.

Recommended for you