INTERNATIONAL NEWS

Amerika Yerekanye Ububasha Budasanzwe kuri Koreya ya Ruguru Mu Kurungika Ibidege Vy’Intambara.

on

Inyuma y’aho igihugu ca Koreya ya Ruguru kirungikiye igisasu caciye hejuru y’igihugu c’Ubuyapani, ibintu vyatangutye gukomera aho Igihugu ca Leta Zunze Ubumqe za Amerika carungitse ibidege vya kirimbuzi vya Amerika vyo mu bwoko bwo hejuru( Heavy Bombers), mu gukora imyimenyerezo yo kurekura ibibombe bikaze na Koreya y’Epfo, mu kugabishas Koreya ya Ruguru.

Indege zibiri zo kurimbura za Amerika US. B-1B hamwe n’izindi zine za gisirikare zikora zihishije zafadikanije n’izindi za Koreya y’Epfo mu gukora imyimenyerezo ya gisirikare kuri uyu musi mu kumera nk’abarekurira ibibombe “ ku bice vyihishije vya Koreya ya Ruguru bifasha mu guhingura ibigwansiho Ruhonyanganda”.


Koreya ya Ruguru ikaba yiyamiriza ivyo bidege vya gisirikare vyo mu bwoko bwo hejuru vya Amerika biguruka mu karere k’izinga rya Koreya ko birimwo ibigwanisho ruhonyanganda, mu gihe Amerika yoyo ivuga ko atavyo igishira muri ivyo bidege bidasanzwe vyo kurandura.

Ivyo vyose bituma habandanya haba kurabana ayingwe hagati ya Koreya ya Ruguru na Amerika, maze bigatuma ibihugu vya Koreya y’Epfo n’ubuyapani bibandanya bija mu kaga. Amerika yoyo ivuga ko yiyemeje kugumana ububasha bwo ku rwego rwo hejuru mwako karere mu kubandanya irungika mu karere k’izinga rya Koreya ibidege vyo kurandura.

Ibihugu bitatu bifise ibigwanisho vyo ku rwego rwo hejuru bishobora guteza intambara idasnzwe umwanya n’umwanya, nkigihe hoba uguharura nabo kuruhande rumwe. Bikavugwa n’abahinga ko mugihe intambara yokwaduka kumusi wa mbere gusa hopfa abantu ibihumbi n’ibihumbi bari ku murwa mukuru wa Koreya y’Epfo ariwo Seoul uri ku bilometero 50 uvuye muri Koreya ya Ruguru.

Recommended for you