INTERNATIONAL NEWS

Amerika Yarungitse Ubundi Bwato Bw’Intambara Bugira Gatatu Mwizinga Rya Koreya.

By

on

Nkuko tubikesha Ikinyamakuru International Business Times, Igihugu ca Leta Zunze Ubumwe Za Amerika carungitse ubundi bwato bugira gatatu bw’intambara bushobora gutwara indege z’ingwano mu karere ka Pacifique hafi cane y’izinga rya Koreya, ibibonwa ko ari ukwerekana ububasha kutari bwabeho mu gihe hari impari hagati ya Koreya ya Ruguru na Leta Zunze Ubumwe Za Amerika.

Ubwo bwato bw’intambara bwitwa USS Nimtz, ubwato buri mu mato y’intambara yagutse gusumba ubundi kwisi yose, bugiye busanga mu mazi ya Koreya ubundi bwato bwintamaba USS Carl Vinson hamwe na USS Ronald Reagan ubwarungitsweyo muri Ndamukiza 2017.

Nkuko Ijwi rya Amerika ryabitangaje, ni ibitari bwaboneke aho Leta Zunze Ubumwe Za Amerika zirungika Ubwato bw’intamabara butatu mu karere kamwe.

Ubwo bwato bw’intamabara USS Nimtz bwitezwe kumara amezi atandatu mu mazi ya Pacifique

Captaine Kevin Lenox wa USS Nimtz avuaga ati: “ Ndahimbawe cane n’abakozi dukorana aha muri USS Nimtz….ndizeye ko twiteguye bihagije no guhangana n’ingeramizi zose zokwaduka muri kazoza”.

Ubwo bwato USS Nimtz bukaba burungitswe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika muri Koreya mu kwerekana ububasha Amerika ifise kuri Koreya ya Ruguru, igihugu kibandanya cica amatwi mu kubandanya kigerageza irungikwa rya missiles.

USS Nimtz na USS Carl Vinson, nubwato bw’intambara bwose bufise ibikoresho vyo ku rwego rwo hejuru bishobora gusambura missiles, bukaba bugenda butwaye indege z’intamabara zitari nke zishobora kwikorwako mu gihe c’intambara.

Ivyo biri uko mu gihe Amerika iheruka kumenyesha ko izokora igeragezwa ku musi wa gatatu w’indwi iza ryo kumanura missiles ikoresheje uburyo bwo gukinga missiles bwashizwe muri Koreya y’Epfo, bwataziriwe THAAD(Terminal High Altitude Area Defense).

Recommended for you