Monday, May 29, 2023
HomeNewsAmerika yanse gukuraho ibihano yafatiye abategetsi bane b-uburundi harimwo Alain-Guillaume Bunyoni.

Amerika yanse gukuraho ibihano yafatiye abategetsi bane b-uburundi harimwo Alain-Guillaume Bunyoni.

Leta zunze ubumwe za Amerika ziracahagaze ku ngingo yo gufatira ibihano abategetsi bane  b-uburundi bagirizwa  gukorera amabi  atandukanye abanyagihugu. Muri ivyo bihano hakaba harimwo ugufatirwa amatungo yabo hamwe no kubabuza  guhonyoza ikirenge mw-ico gihugu rutura kw-isi.Ico umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni avuga k'urucanco rwa koronavirisi

Abo bategetsi ni Alain-Guillaume Bunyoni yarajejwe ubushikiranganji bw-umutekano  mu mwaka w-2015 , uw-umusi ni umushikiranganji wa mbere wa Leta y-uburundi  hamwe na Godefroid Bizimana  yari icegera c-umuyobozi  mukuru w-igipolisi. Bose ko ari babiri  bagirizwa kuba bakoresheje  inguvu n-agahahazo ku batavuga rumwe  mu gihe c-imyiyerekano yo mu mwaka w-2015. Abandi babiri bagumijweko ibihano  na Leta Zunze ubumwe na Amerika  bari mu bagirizwa gutembagaza ubutegetsi  mu 2015, abo nabo ni   Godefroid Niyombare ariwe yararongoye umurwi w-abasirikare  wagerageje gutembagaza ubutegetsi  kuwa 13 Rusama 2015 hamwe rero n-umuhisi  Gen. Major Cyrille Ndayirukiye  aheruka gusandabira mw-ibohero rikuru rya Gitega.

Abo bane akaba aribo bagumijweko ibihano  n-ibiro  vya  Leta Zunze ubumwe za Amerika bijejwe imigenderanire n-ibindi bihugu mu vya Politike  n-ubutunzi.Ivyo bihano bikaba babifatiwe muri Munyonyo mu mwaka w-2015  aho ico gihugu rutura caramutswa ico gihe na Perezida Barack OBAMA .

 

Must Read