Leta zunze ubumwe za Amerika ziracahagaze ku ngingo yo gufatira ibihano abategetsi bane b-uburundi bagirizwa gukorera amabi atandukanye abanyagihugu. Muri ivyo bihano hakaba harimwo ugufatirwa amatungo yabo hamwe no kubabuza guhonyoza ikirenge mw-ico gihugu rutura kw-isi.
Abo bategetsi ni Alain-Guillaume Bunyoni yarajejwe ubushikiranganji bw-umutekano mu mwaka w-2015 , uw-umusi ni umushikiranganji wa mbere wa Leta y-uburundi hamwe na Godefroid Bizimana yari icegera c-umuyobozi mukuru w-igipolisi. Bose ko ari babiri bagirizwa kuba bakoresheje inguvu n-agahahazo ku batavuga rumwe mu gihe c-imyiyerekano yo mu mwaka w-2015. Abandi babiri bagumijweko ibihano na Leta Zunze ubumwe na Amerika bari mu bagirizwa gutembagaza ubutegetsi mu 2015, abo nabo ni Godefroid Niyombare ariwe yararongoye umurwi w-abasirikare wagerageje gutembagaza ubutegetsi kuwa 13 Rusama 2015 hamwe rero n-umuhisi Gen. Major Cyrille Ndayirukiye aheruka gusandabira mw-ibohero rikuru rya Gitega.
Abo bane akaba aribo bagumijweko ibihano n-ibiro vya Leta Zunze ubumwe za Amerika bijejwe imigenderanire n-ibindi bihugu mu vya Politike n-ubutunzi.Ivyo bihano bikaba babifatiwe muri Munyonyo mu mwaka w-2015 aho ico gihugu rutura caramutswa ico gihe na Perezida Barack OBAMA .