INTERNATIONAL NEWS

Amerika Yagabishije Ubushinwa Ku Mpari Ziri Mu Mazinga Yo Mu Kiyaga C’Ubushinwa.

By

on

Naho Leta Zunze ubumwe za Amerika zari zihuje umugambi n’u Bushinwa mu guhangana n’ikibazo ca Korea ya Ruguru ikomeje kugerageza ibigwanisho ruhonyanganda, ubu naho ico gihugu cahindukiriye Ubushinwa mu kubugabisha ku kpari ziri mu mazinga yo mu Kiyaga c’Ubushinwa mu Bumanuko.

Mu nama y’Umutekano yabereye mu gihugu ca Singapore ejo ku musi wa gatanu, umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika, James Mattis, yatanze gasopo ko Amerika “itazokwemera ko Ubushinwa bushiraho abasoda nibigwanisho mu mazinga yo mu Bumanuko bw’ikiyaga c’Ubushinwa”. James Mattis aravuga ko ivyo vyohungabanya amahoro n’umutekano vyo muri ako karere.

Ayo mazinga akaba aharanirwa n’ibihugu nka Taiwan, Brunei, Phillipines, Vietnam, Malaisie, Ubushinwa hamwe na Leta Zunze Ubumwe Za Amerika zija muri izo mpari kugira ‘ikingire inyungu zayo’.

James Mattis: ” Leta Zunze Ubumwe Za Amerika ntizizokwemera ko Ubushinwa bushiraho abasoda nibigwanisho mu mazinga yo mu Bumanuko bw’ikiyaga c’Ubushinwa”

Naho General Mattis avuga agabisha Ubushinwa, yarongeye aramenyesha ko ashima uruhara rudasanzwe Igihugu c’Ubushinw kiriko kiragira mu kugondoza igihugu ca Koreya ya Ruguru kugira gihagarike ibikorwa vyaco vyo kugerageza ibigwanisho ruhonyanganda.

Ibi bije inyuma yaho ejo nyene ku musi wa agatanu Inama y’Umutekano ya ONU yaraye isubiriye gufatira ibihano igihugu ca Koreya ya Ruguru biza bisumba ivyahahora, inyuma yaho Amerika n’Ubushinwa bagiriye ibiganiro, maze iyo ngingo ikaba yatowe ijana kwijana n’ibihugu bigize Inama Y’Umutekano ya ONU kwisi.

Ku kibazo kandi ca koreya ya Ruguru, Umushikiranganji wo kwivuna abansi w’Ubuyapanai akaba yamenyesheje ko Ubuyapani bushigikiye ijana kwijana ingingo zose Leta Zunze Ubumwe Za Amerika zofata ku Vyerekeye Koreya ya Ruguru, naho kwoba ari gutera mu buryo bwa gisirikare igihugu ca Koreya ya Ruguru.

Recommended for you