INTERNATIONAL NEWS

Amerika ntirota yemera ivyavuye mu matora yo muri Venezuela.

on

Ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Reta zunze Ubumwe za Amerika vyakuriye ku gashitsi abantu ko batarota bemera ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu muri Venezuela yatsinzwe na Nicolas Maduro yahora atwara ico gihugu.

Mu butumwa bwa Amerika bwarungikiye ishirahamwe mpuzamakungu Onu,iyo Reta yamenyesheje ko ayo matora ari akamaramaza mu ntwaro rusangi.

Nicolas Maduro yahora arongoye igihugu ca Venezuela, niwe yasubiriye gutorwa ngo arongore igihugu mu kiringo c’imyaka itandatu, ku majwi yababa ibice 70 kw’ijana, mu matora yabaye kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 20 Rusama 2018.

Nicolas Maduro

Umukuru w’umurwi utegura amatora mu gihugu ca Venezuela Tibisay Lucena, yavuze ko Nicolas Maduro yatinze amatora ku majwi 67,7 kw’ijana, mu gihe uwo bahiganwa Henri Falcón, yaronse amajwi 21,2 kw’ijana.

Naho Nicolas Maduro yatsinze amatora, amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abafaransa RFI, amenyesha ko abaye amatora ya mbere muri kahize k’igihugu ca Venezuela yitabwe n’abantu bake, kuko yitabwe gushika ku bice 46 kw’ijana gusa.

Nicolas Maduro yavuze ko abanyavenezuela ari inguvu z’akahise zahindutse intsinzi y’abanyagihugu, kandi ko ari intsinzi y’abanyagihugu yamaho. Nicolas Maduro akaba yamaze kwiyamiriza ivyo Leta Zunze Ubumwe za Amerrika zavuze kuri ayo matora.

Ku ruhande rwiwe, Henri Falcón yatsinzwe mu matora, amenyesha ko atemera ivyavuye mu matora, kuko yaranzwe n’utunenge, agasaba ko ayo matora asubirwamwo.

Abantu bababa imiriyoni 20 nibo bari bitavye ayo matora.

Recommended for you