NEWS

Amerika Ivuga Ko Pierre Nkurunziza avuye ku butegetsi abishatse ‘bizoha akarorero abandi bategetsi’.

on

Mw’itangazao ryashizwe ahabona na Leta Zunze Ubuwe za Amerika ku bijanye n’ijambo umukuru w’igihugu c’Uburundi aheruka kumenyesha i Bugendana mu ntara ya Gitega ko ‘atazokwitoza ryatumye ico gihugu ca rutura kw’isi gishira ahabona “ugukenguruka” iyo ntambwe umukuru w’igihugu w’Uburundi yafashe.

Heather Nauert, umuvugizi wa departement ya leta ya Amerika yamenyesheje ati: “Leta Zunze Ubumwe za Amerika zirashima cane itangazo rya Pierre Nkurunziza ko adafise umugambi wo kwitoreza mu kiringo ca kane, navyo bikaboneka nk’intambwe ikomeye ishikana kuri Demokrasi yo mu Burundi. Duhamagarira Leta y’Uburundi gufata ingingo zorohereza bose mu kuryohora intwaro , kwubahiriza agataka ka zina muntu, ikibano hamawe n’ubwigenge mu binyamakuru“.

USA ikaba igaruka kuri uwo muhango wa Pierre Nkurunziza ko ‘yemeje ivyo yavuze mu mwaka wa 2015.Ingingo yiwe yo kuva ku butegetsi ata wumugobereye ni intambwe ihambaye kandi vyoshobora gutuma biba akarorero keza ku bategetsi bandi bo mu karere”, niko iryo tanagazo rivuga.

Ku bwivyo, USA ikaba isaba ko Uburundi bwoshiraho intambwe zibereye zizotuma haba amatora yizewe, aciye mu muco hamwe n’uguhiganirwa ivya politike kuri bose imbere y’amatora ya 2020.

Iryo tangazo rirangiza rimenyesha ko Amerika ‘isubiyemwo umwiyemezo wayo ubandanya wo gushigikira abanyagihugu b’Uburundi mu bikorwa vy’amahoro n’iterambere’.

Recommended for you