INTERNATIONAL NEWS

Amerika Ivuga Ko ‘Ibiganiro Ku Vyerekeye Koreya Ya Ruguru’ Bitagikenewe.

on

Umuserukizi wa Amerika mw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, Nikki Haley, yamenyesheje ko ibiganiro kuvyerekeye umugambi w’igihugu ca Koreya ya Ruguru wo gukora no kugerageza ibigwanisho ruhonyanganda utagikenewe. Bivuzwe inyuma y’aho Koreya ya Ruguru isubiriye kugerageza incuro ya kabiri igisasu kigenda iyindi mugabane( ICBM) ku musi wa gatanu itariki 28 Mukakaro 2017.

Vyari bimenyerewe ko mu gihe cose Koreya ya Ruguru yakoze igeraza rya missie haca haba Inama y’Umutekano ya ONU yihuta ku vyerekeye ico kibazo ca Koreya ya Ruguru, ariko ubu Leta Zunzre Ubumwe za Amerika zikabona ko ibiganiro nkivyo bitagikenewe.Nikki Haley ameyesha ati: “Nta mpamvu yo kugira ibiganiro kuri Koreya ya Ruguru muri ONU ataco bivamwo…Ubushinwa nibuhitemwo…nibwaba buhitamwo gufasha mu guhagarika iki kibazo”.

Indege zihanitse za Amerika

Ibiro vya Gisirikare ca Amerika gikorera muri Pacifique vyamenyesheje ku musi wa gatandatu ko ‘Koreya ya Ruguru isigaye ari intambamyi yihutirwa mwisi yose no mukarere gasangiye imbibe nico gihugu’. Uwuvugira ivyo biro yamenyesheje ati: “Turiteguye kwivuna mu buryo bunyaruka kandi burangiza umwansi mu gihe cose n’ikibanza vyokenerwa igihe tubihisemwo”.

Uko biri kwose, ibihugu vya Amerika, Koreya y’Epfo n’Ubuyapani biriko bitegura igitero ca Gisirikare kuri Koreya ya Ruguru. Inyuma yaho Koreya ya Ruguru igeragereje ico gisasu ku musi wa gatanu, Amerika yaciye irungika indege zayo karuhariwe mu kurandura(Bombardiers) mu kirere c’izinga rya Koreya mu kwerekana inguvu za Gisirikare za USA. Izo ndege zo kurandura zikaba zaciye zikurikirwa n’indege za gisirikare z’Ubuyapani na Koreya y’Epfo mu kwerekana inguvu za gisirikare.

Ivyo biri uko mu gihe Koreya ya Ruguru yoyo ivuga ko ubu ishobora kurasa igisasu gishobora gushikira aho ariho hose ku butaka bwa Amerika. Ibihugu vy’Ubufaransa, Ubwongereza biramaze guhamvya Amerika mu kwiyamiriza iyo ngendo ya Koreya ya Ruguru, maze bikiyemeza kurwaniriza umwansi hamwe.

Recommended for you