NEWS

Amerika isaba Uburundi ‘gufuta’ ingingo yo guhagarika BBC na VOA.

on

Igihugu c’Uburundi carafashe ingingo yo kwugara burundu insamirizi y’abongereza BBC gahuzamiryango gusamirana ku butaka bw’Uburundi no kwongereza ikiringo co kubuza radio ijwi rya Amerika gusamirana mu Burundi.

Ariko rero, Leta Zunze Ubumwe za Amerika zasavye igihugu c’Uburundi ‘guhagarika no gufuta iyo ngingo yo kubuza BBC na VOA gusamiranira mu Burundi’.

Ivyo USA ikaba yabimenyesheje ejo ku wa kabiri biciye kuri departema ya leta aho yasavye ko Uburundi bwohagarika iyo ngingo maze abamenyesheamakuru bagasubira gukora ukuri kwamye mu Burundi bakorera ayo maradiyo mpuzamakungu imbere y’amatora ya 2020.

Departema ya Leta ya Amerika  yamenyesheje iti: “Iyi ngingo [y’Uburundi] iravyura ibibazo ku bijanye n’umwidegemvyo wo kuvuga biri mu ngingo ya 31 y’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi, hamwe n’ibijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi”.

Iryo tangazo rya Amerka rica rihamagarira Uburundi kwisubirako.

Duhamagarira Uburundi gufuta ingingo yabwo kandi tugahamagarira leta y’Uburundi kureka abamenyeshamakuru gukorera mu mwidengemvyo ata guterwa ubwoba”, niko iryo tangazo rya Amerika ryongeyeko.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply