INTERNATIONAL NEWS

Amerika Iriteguriye Gutera Igihugu ca Koreya ya Ruguru

on

Igisirikare cya Leta Zunze Ubumwe za Amerika categetse ubwato bw’intambara kwerekeza ku mwizinga rya Koreya ku musi wa gatandatu 8/4/2017, mu gihe hakomeje impungenge kuri mugambi w’igihugu ca Koreya ya Ruguru gikomeje guhingura no kugerageza ibigwanisho ruhonyanganda.

Ubwato bw’intambara bwa Carl Vinson Strike Group bugizwe n’igice kigwako indege n’inkoha zirasa amamisile hamwe n’ibikoho bisamburaibindi bisasu; abayobozi ba gisirikare bakavuga ko ari bumwe mu buryo bwo kwirinda muri ako gace hamwe no gukingira ibihugu somambike vya USA.

Ubwato USS Carl Vinson bwarungitswe muri Koreya ya Ruguru, bushobora no gutwara indege za Gisirikare

Umukuru w’igihugu ca Amerika, Donald Trump, aheruka kuvuga ko igihugu ciwe citeguriye guhangana n’igihugu ca Koreya ya Ruguru ari conyene, naho Ubushinwa butogira ico bufashije mu kugondoza Koreya ya Ruguru

Nk’uko BBC yabitangaje, Umuvugizi w’ibirindiro vy’ingabo za Amerika ziri gukorera mu Nyanza ya Pacifique, Dave Benham, yagize ati “Ikibazo ca mbere gikomeye mu karere gikomeje kuba Koreya ya Ruguru, kubera ibikorwa vyaco, n’umigambi waco wo kugerageza ama misile no guhingura ibigwanisho ruhonyanganda.

Inyuma yaho Koreya ya Ruguru irasiye ikimisile mu mazi y’ubuyapani kuw agatatu w’indwi iheze imbere yuko Trump abonana na mugenziwe w’ubushinwa Xi Jinping, Trump asaba Xi Jinping w’u Bushinwa kwongereza inguvu mu kurwanya umugambi w’ibigwanisho ruhonyanganda vya Koreya ya Ruguru.

Ariko rero, Ubushinwa buritondeye cane gukura amaboko kuri Koreya ya Ruguru bisanzwe bifitanye ubucuti bukomeye, aho butinya ko Koreya ya Ruguru iramutseitsinzwe na Amerika bishobora guteza ikibazo c’impunzi zinjira mu Bushinwa ziva koreya ya Ruguru, eka mbere ugasanga Amerika irigaruriye ako karere.

Koreya ya Ruguru ivuga ko nayo iri guhura n’agasomborotso ka Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Koreya y’Epfo ku buryo bisa nkaho ari ukwitegurira intambara, cane canae ko Koreya ya Ruguru imaze iminsi yihweza uko Amerika iri kwitwara mu kibazo ca Syria nyuma y’ibisasu Amerika iheruka guterayo ku itegeko rya Donald Trump.

Ni igikorwa koreya ya Ruguru yiyamirije, ivuga ko” kidakwiye kwihanganirwa”, aho Amerika igaba igitero “mu gihugu gifite ubwigenge.”

Ubwato bugwaho indege

Recommended for you